Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Gukoresha Zoom mu kugira amakoraniro y’ishengero

Gukoresha Zoom mu kugira amakoraniro y’ishengero

26 RUHESHI 2020

 Hirya no hino kw’isi amaleta yarashinze ko abantu bategerana be n’uko batokoranira mu kibanza kimwe mu ntumbero yo kwirinda ikiza ca korona. Ivyabona vya Yehova biyemeje kugamburuka iyo ngingo ariko kandi bakabandanya kugira amakoraniro yabo. Kugira ivyo bishoboke, amashengero agirira amakoraniro ku buhinga bwa videoconférence nko mu gukoresha programa ya Zoom.

 Kugira tubandanye kugira amakoraniro mu buryo bukingiye, Inama Nyobozi yaremeye ko zimwe mu ntererano zitangwa zikoreshwa mu kugurira amashengero amakonte ya Zoom. Ivyo vyarafashije cane amashengero amwamwe atari gushobora kwigurira ayo makonte, narirya asanzwe agurwa amadolari ari hagati ya 15 na 20 canke arenga (nk’amarundi arenga 35.000). Ayo mashengero yahora akoresha amaporogarama atagurishwa ariko ugasanga hariho igitigiri ntarengwa c’abajako kandi ugasanga ntakingiye. Amashengero yose akoresha ayo makonte ya Zoom ishirahamwe ryaguze arungukira ku kuntu yoroshe gukoresha kandi akingiye, vyongeye bikaba bishoboka ko abantu batari bake bashobora kujako mu gihe c’ikoraniro. Gushika ubu amashengero arenga 65.000 yo mu bihugu birenga 170 ni yo ariko arakoresha ayo makonte.

 Ishengero rya Kairagi ryo mu karere ka Manado muri Endoneziya ryarahevye programa itagurishwa ryahora rikoresha rica ritangura gukoresha Zoom y’ishirahamwe. Umuvukanyi yitwa Hadi Santoso asigura ati: “N’abavukanyi batamenyereye gukoresha utwuma two mu buhinga bwa none ubu barashobora kwungukira ku makoraniro, ahanini kubera ko ikoraniro ririnda rihera bidacitse.”

 Lester Jijón, Jr, umukurambere wo mw’ishengero rya Guayacanes Oeste muri Équateur, yigana ati: “Kub era ko abavukanyi batari bake bakenye, ntivyari gukunda ko amashengero amwamwe yigurira konte ya Zoom yotuma ishengero ryose rishobora gukurikira ikoraniro. Ariko ubu tubikesheje konte ya Zoom ishirahamwe ryaturonkeje, turashobora no gutumira abandi kubera ko yoyo ijako abantu benshi.”

 Johnson Mwanza, umukurambere wo mw’ishengero rya Ngwerere North muri Zambiya, yandika ati: “Abavukanyi batari bake baguma bikugura bati: ‘Intunganyo yo gukoresha Zoom ishirahamwe ryashizeho iratuma twumva twiyegereje abavukanyi bacu kandi igatuma twibonera ukuntu Yehova adukunda kandi atwitwararika.’”

 Amahera yo kugura izo konte za Zoom ava mu ntererano zigenewe gutabara abashikiwe n’ivyago zitangwa n’abavyishakiye hirya no hino kw’isi. Nyinshi muri izo ntererano zitangwa biciye kuri internet kuri donate.isa4310.com. Turabashimiye ku ntererano mutanga mubikunze. Izo ntererano zirakoshwa no mu bindi bikorwa vyo gutabara hirya no hino kw’isi.​—2 Abakorinto 8:14.