Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni ibiki Imana igomba?

Ni ibiki Imana igomba?

Imana igomba ko tuba mw’iparadizo kw’isi ibihe bidahera dufise amahoro kandi duhimbawe!

Hari aho woca wibaza uti: ‘Ivyo bishoboka gute?’ Bibiliya ivuga ko Ubwami bw’Imana buzotuma bishoboka, kandi Imana igomba ko abantu bose biga ivyerekeye ubwo Bwami be n’umugambi idufitiye.—Zaburi 37:11, 29; Yesaya 9:7.

Imana itwipfuriza ineza.

Nka kurya nyene sebibondo mwiza yipfuriza ineza abana biwe, Data wa twese wo mw’ijuru yipfuza ko duhimbarwa ibihe bidahera. (Yesaya 48:17, 18) Yasezeranye ko “uwukora ukugomba [kwiwe] agumaho ibihe vyose.”—1 Yohani 2:17.

Imana igomba ko tugendera mu minyuro yayo.

Bibiliya ivuga ko Umuremyi wacu agomba ‘kutwigisha inzira ziwe’ kugira ngo dushobore ‘kugendera mu minyuro yiwe.’ (Yesaya 2:2, 3) Yaratunganije “igisata ku bw’izina [ryiwe]” kugira ngo ivyo agomba bimenyekane kw’isi yose.—Ivyakozwe 15:14.

Imana igomba ko twunga ubumwe mu kuyisenga.

Ugusenga Yehova gutyoroye kuratuma abantu bunga ubumwe mu rukundo nyakuri, aho gutuma bicamwo imice. (Yohani 13:35) Ni bande muri iki gihe bariko barigisha abantu bo hirya no hino kw’isi ingene bosukurira Imana bunze ubumwe? Tukuremesheje kurimbura kano gatabu kugira ngo ubamenye.