Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abavukanyi ntibaretse gukorera Yehova naho ibintu vyabo vyononywe

JEWOROJIYA | 1998-2006

Iterabwoba ntiryababujije gukorera Yehova

Iterabwoba ntiryababujije gukorera Yehova

Abavukanyi bacu ntibahiye coba. Barabandanije kugira amakoraniro. Abakurambere barafashe ingingo zikenewe kugira bakingire abamamaji. Umuvukanyi André Carbonneau, umushingwamanza w’Umunyakanada yaburanira abavukanyi muri iyo myaka, avuga ati: “Umuvukanyi yarahagarara hafi y’ahariko harabera amakoraniro afise telefone. Abonye baje kubatera, yaca abimenyesha abakurambere.”

Ababisha baraturiye inzu y’umuryango wa Shamoyan (ibubamfu) n’idepo y’ibitabu (iburyo)

Igihe cose Ivyabona baba batewe, abavukanyi babiri bo ku biro vy’ishami baca baza kubaremesha. André avuga ati: “Vyarakora ku mutima cane. Abo bavukanyi bama basanga ikibanza c’amakoraniro cuzuye Ivyabona bariko baramwenyura.”

Abavukanyi barahanganye n’ababarwanya haba muri sentare canke hanze

Abatashikiwe n’ivyo bitero, ushizemwo n’abatohoji ba Bibiliya, na bo nyene bagumye bashikamye. André aribuka ikiyago yagiranye n’umugore umwe yari mu kuba umwamamaji. Uwo mugore yamubwiye ati: “Igihe nabona ivyo bitero kuri televiziyo, naciye mbona itandukaniro riri hagati y’abakirisu b’ukuri n’ab’ikinyoma. Nshaka kuba umukirisu w’ukuri.”

Baraburaniye bagenzi babo n’umutima rugabo

Muri ico gihe kitoroshe, abamamaji baragaragaje ukwizera n’umutima rugabo bidasanzwe mu kuguma bamamaza. Abavukanyi baburanira bagenzi babo na bo nyene baragaragaje ukwizera gukomeye.

Kenshi ibinyamakuru vyarasiga iceyi Ivyabona ngo barasambura ingo, ngo ntibaja kwa muganga kandi ngo bararwanya leta. Abashingwamanza bemera kubaburanira baba bemeye gusigwa iceyi no kubura abakiriya.

Abavukanyi b’umutima rugabo bo mu Rwego rujejwe ivy’amategeko muri Amerika baraburaniye bagenzi babo

John Burns, umushingwamanza wo kw’ishami rya Kanada yaburanira abavukanyi bo muri Jeworojiya, avuga ati: “Abavukanyi b’abashingwamanza bo muri Jeworojiya baremeye gufasha. Baremanze ko ari Ivyabona vya Yehova imbere ya sentare, naho vyari gushobora gutuma bagira ingorane mu kazi kabo.” Ivyo Vyabona b’umutima rugabo barafashije “kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko.”​—Flp. 1:7.

Bariyamirije amabi yakorerwa Ivyabona

Ivyabona barabandanije gukubagurwa. Ku bw’ivyo, kuva ku wa 8 Nzero 2001, abavukanyi barahamagariye abantu gutera umukono ku rwandiko rwasaba ko Ivyabona bokingirwa ayo mabi, abayakora na bo bagashengezwa muri sentare.

Umuvukanyi Burns aratubwira intumbero y’urwo rwandiko, ati: “Twashaka kwerekana ko Abanyajeworojiya benshi batari bashigikiye amabi Ivyabona bariko barakorerwa, ahubwo ko abanyedini b’intagondwa bari ku rushi ari bo bariko barabikora.”

Mu ndwi zibiri gusa, abantu bakuze 133.375 bo hirya no hino muri Jeworojiya, benshi muri bo bakaba bari aborotodogisi, barateye igikumu kuri urwo rwandiko. Naho rwashikirijwe umukuru w’igihugu Shevardnadze, ayo mabi ntiyahagaze. Abo banyedini barabandanije gutera Ivyabona.

Abanyajeworojiya ibihumbi barateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza amabi yakorerwa Ivyabona

Ariko Yehova yarabandanije guhezagira abasavyi biwe. Abo banyedini baguma batoteza abasavyi b’Imana, Yehova na we akaguma akura abantu benshi b’inziraburyarya mw’idini ry’ikinyoma.

Yaravavanuye n’idini ry’ikinyoma

Babilina Kharatishvili yamaze imyaka myinshi ari umworotodogisi w’imena. Igihe yari ageze mu myaka 30, yaguma atembera mu bisagara no mu bigwati yigisha abantu ibijanye n’ubuzima bw’aberanda.

Ariko Babilina yaripfuza kurushiriza kumenya Imana. Yaciye rero afata ingingo yo kuja gukurikira inyigisho zatangirwa mw’iseminari y’aborotodogisi. Igihe kimwe, uwariko arabigisha yaraberetse igitabu Ubumenyi bujana mu buzima budahera aca ababwira ngo bazogisabe Ivyabona. Yababwiye ati: “Iki gitabu kirashobora kubafasha kumenya Bibiliya.”

Babilina yarakubiswe n’inkuba. Ntiyerekwa Ivyabona, none umukuru w’idini yari abahimirije gusoma ibitabu vyabo! Yaciye yibwira ati: ‘Nimba Ivyabona ari bo bomfasha kumenya Imana, ndiko nkora iki ng’aha?’ Yaciye arondera Ivyabona mu gisagara ca Poti, aca aratangura kwiga Bibiliya.

Babilina yaragize amahinduka akomeye afashijwe na Bibiliya. Igihe kimwe yavuze ati: “Igihe nibonera ko Bibiliya ibuza gusenga ibishusho, naciye mvavanura n’uburyo bwose bwo gusenga ibigirwamana. Nari nzi neza ko mfashe ingingo ibereye.” Igihe yari mu gushikana imyaka 80, yarafashe ingingo yo kuba Icabona.

Babilina yarabwiye ukuri umwuzukuru wiwe Izabela

Ikibabaje, mu 2001 Babilina yararwaye aca arapfa atarabatizwa. Ariko umwuzukuru wiwe Izabela yahavuye abatizwa, kandi ubu arakorera Yehova adahemuka.

Yashaka kuba umubikira

Eliso Dzidzishvili yari afise imyaka 28 igihe yafata ingingo yo kuba umubikira. Kubera ko ata kigo c’ababikira cari hafi y’igisagara yabamwo ca Tkibuli, mu 2001 yarimukiye i Tbilisi. Yaciye aba arakora akazi ko kwigisha mu kurindira ko aronka ikibanza mu kigo c’ababikira. Umwe mu banyeshure biwe yari afise nyina w’Icabona yitwa Nunu.

Eliso yigana ati: “Twarakunda kuganira na Nunu kuri Bibiliya. Naguma ndamwemeza ko aborotodogisi ari bo bigisha ukuri, ariko we yaguma anyereka ivyo Bibiliya ivuga. Umusi umwe, yaransavye ko twosomera hamwe agatabu Ni ibiki Imana idusaba? Turiko turagasoma twongera turaba imirongo yo muri Bibiliya, narabonye ko gusenga ibishusho ari uguhonyanga itegeko ry’Imana.”

Mu nyuma, Eliso yaragiye ku rusengero rwo muri ako karere, arabaza ibibazo bikeyi umupadiri. Inyishu yamuhaye zaramweretse ko inyigisho z’aborotodogisi zidashingiye kuri Bibiliya. (Mrk. 7:7, 8) Kubera ko yari yatahuye ko Ivyabona ari bo bigisha ukuri, yaciye ubwo nyene atangura kwiga Bibiliya hanyuma arabatizwa.

Eliso Dzidzishvili (ibubamfu), umwe yashaka kuba umubikira, na Nunu Kopaliani (iburyo)

Abansi ntibababujije kwubaka

Mu 2001, amashengero menshi yari akeneye ibibanza bibereye agiriramwo amakoraniro. Ibiharuro vyagizwe vyerekanye ko hari hakenewe Ingoro z’Ubwami 70. Abavukanyi baciye batanguza umugambi wo kwubaka Ingoro z’Ubwami naho bariko bararwanywa.​—Ezr. 3:3.

Bidatevye, abubatsi baratanguye gusubiramwo inyubakwa amashengero menshi yahora agiriramwo amakoraniro i Tbilisi. Haciye hubakwa izindi ngoro zibiri, imwe i Tbilisi iyindi i Chiatura, mu burengero bwa Jeworojiya.

Ingoro y’Ubwami y’i Tbilisi (ibubamfu) yarasubirijwe n’iyindi (iburyo)

Umuvukanyi Tamazi Khutsishvili yarafashije kwubaka ingoro y’i Chiatura. Yigana ati: “Twari cumi na batanu kuri iyo shantiye. Bose mu gisagara ntibatevye kumenya ko turiko twubaka Ingoro y’Ubwami. Vyarashika tukumva ibihuha vy’uko abaturwanya bahava baza kubomora iyo ngoro.”

None boba bari gushobora guheza iyo ngoro kandi bariko bararwanywa? Tamazi avuga ati: “Twarabandanije igikorwa kandi mu mezi atatu twari turangije. Nta n’umwe yigeze ahahonyoza ikirenge. Ryari iterabwoba gusa.” *

Baratevye bararonka agahengwe

Ba borotodogisi b’intagondwa hamwe n’umukuru wabo Vasili Mkalavishvili bari mu gasho

Muri Gitugutu 2003, baratanguye kwubaka ingoro mu gisagara ca Samtredia. N’ico gihe nyene, abanyedini b’intagondwa barateye abavukanyi. Emwe, bahengereye bahejeje kuduza impome, n’isima itaruma baca baraza barasenyura ivyo bari bubatse.

Yamara, muri Munyonyo 2003 intwaro yarahindutse muri Jeworojiya, bituma abavukanyi baronka agahengwe kuko amadini yaciye arushiriza kwubahirizwa. Ba borotodogisi b’intagondwa bahora batera Ivyabona vya Yehova baciye bafatwa.

Yehova yarabahunze imihezagiro

Uruhamo rumaze kurangira, abasavyi ba Yehova bo muri Jeworojiya barironkeye imihezagiro myinshi. Kw’ihwaniro ry’intara ryo mu 2004, Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki yarasohowe mu kijeworojiya.

Hari ikindi kintu c’intibagirwa cabaye kw’ihwaniro ry’intara ryo mu 2006 ryari ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!” Abari aho baranezerewe cane bumvise ko umuvukanyi Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi agira ashikirize insiguro. Barahimbawe cane bumvise umuvukanyi Jackson atangaje ko hasohotse Bibiliya y’isi nshasha yuzuye mu kijeworojiya!

Bibiliya y’isi nshasha isohoka mu kijeworojiya mu 2006

Abavukanyi benshi barakoroye amosozi. Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Umunezero nagize igihe twaronka Bibiliya yuzuye sinoronka ingene ndawuvuga. . . . Emwe, cari ikintu c’intibagirwa.” Abantu barenga 17.000 ni bo bitavye iryo hwaniro ry’intibagirwa muri kahise k’abasavyi ba Yehova muri Jeworojiya.

^ ing. 29 Kuva mu 2001 gushika mu 2003, Ingoro z’Ubwami indwi ni zo zubatswe mu gihugu.