Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Petero yoba ari we yabaye umupapa wa mbere?

Petero yoba ari we yabaye umupapa wa mbere?

“Karidinali Jorge Mario Bergoglio yaratowe ngo abe umupapa agira 265 asubirira Petero.”ITANGAZO RYASOHOWE NA VATIKANO KU WA 13 NTWARANTE 2013.

“Musenyeri w’i Roma arafise ubukuru kuri Ekleziya kuko ari umusubirizi wa Petero Mweranda, uwahawe ubwo bukuru na Yezu Kristu.”IGITABU KIVUGA IBIJANYE N’UBUKURU BW’ABASENYERI B’I ROMA CO MU 1903, CASOHOWE NA VINCENT ERMONI.

“Nimba rero hari umuntu avuga ko . . . Papa w’i Roma atari umusubirizi wa Petero Mweranda, akwiye gufatwa ko ari umuhakanyi.”—INAMA YA MBERE Y’I VATIKANO YABAYE KU WA 18 MUKAKARO 1870.

ABAGATOLIKA amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi, babona ko iryo tegeko ryasohowe mu Nama ya mbere y’i Vatikano yo mu 1870 ari inyigisho ntabanduka. Ariko rero umuntu arakwiye kwibaza ati: Iyo nyigisho yoba ishingiye kuri Bibiliya? Vyongeye, ubwo vy’ukuri Papa Fransisiko ni umusubirizi w’intumwa Petero? Mbe hoho Petero yoba ari we yabaye umupapa wa mbere?

“KURI IRYO BUYE NZOKWUBAKAKO EKLEZIYA YANJE”

Iryo tegeko ryasohowe mu Nama y’i Vatikano mu 1870 ryari rishingiye ahanini ku kuntu batahura ibivugwa muri Matayo 16:16-19 no muri Yohani 21:15-17. Ibiyago vyabaye hagati ya Yezu na Petero dusoma muri ivyo vyanditswe no mu yindi mirongo ya Bibiliya birerekana ko intumwa Petero yaranguye uruhara ruhambaye mw’ishengero ry’abakirisu ryo mu ntango. Nkako, igihe Yezu yabona Petero ari bwo bwa mbere, yaravuze ko yobaye nk’igitandara. (Yohani 1:42) Ariko none, Kristu yoba yarahaye Petero ubukuru ku bandi?

Muri Matayo 16:17, 18, Yezu yabwiye Petero ati: “Ndabikubariye, uri Petero [bisobanura “Igitandara”] no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje.” * Aho Yezu yoba yashatse kuvuga ko “Ekleziya” yiwe, ari ryo shengero ryiwe, yoyubatse kuri Petero umuntu buntu? Petero yoba yari kuba umukuru w’abandi bayoboke bose ba Yezu? Izindi ntumwa zumvise ayo majambo ya Yezu zayatahuye gute? Inkuru zo mu Njili zirerekana ko mu nyuma bahaririye akatari gake ku bijanye n’umukuru muri bo uwo ari we. (Matayo 20:20-27; Mariko 9:33-35; Luka 22:24-26) Nimba Yezu yari amaze guha Petero ubukuru wumva izo ntumwa zari guharira kuri ico kintu?

Mbe Petero ubwiwe yatahuye gute ayo majambo ya Yezu? Kubera ko yari Umwisirayeli, yari amenyereye ubuhanuzi butandukanye bwo mw’Isezerano rya kera buvuga ibijanye n’“ibuye” canke ‘ibuye ry’imfuruka.’ (Yesaya 8:13, 14; 28:16; Zekariya 3:9) Igihe Petero yasubiramwo amwe muri ayo majambo mw’ikete yandikiye abakirisu bagenziwe, yasiguye ko iryo ‘buye ry’imfuruka’ ryavuzwe ari Umukama Yezu Kristu we Mesiya. Petero yakoresheje ijambo ry’ikigiriki pe’tra mu kuvuga Kristu wenyene (rikaba ari na ryo jambo Yezu yakoresheje muri Matayo 16:18).1 Petero 2:4-8.

Intumwa Paulo na we nyene yari umuyoboke w’umwizigirwa wa Yezu. Yoba yabona ko Yezu yahaye Petero ubukuru ku bandi? Kubera ko Paulo yatahura ko Petero yari afise ikibanza gihambaye mw’ishengero ry’abakirisu ryo mu ntango, yavuze ko yari umwe mu “barabwa nk’inkingi.” Paulo yari azi ko hariho “inkingi” nyinshi. (Abagalati 2:9) Ariko nimba Petero yari yaramaze kugenwa na Yezu ngo abe umukuru w’ishengero, wumva abo basangiye ukwemera bari kumufata gusa nk’inkingi?

Igihe Paulo yandika ibijanye n’ingene Petero atafata abantu kumwe, yavuze atarya umunwa mugabo abigiranye icubahiro ati: “Naramwankiye imbonankubone, kuko yari abikwiye.” (Abagalati 2:11-14) Paulo ntiyabona ko Kristu yashinze Ekleziya yiwe, ari ryo shengero ryiwe, kuri Petero canke ku wundi muntu buntu. Ahubwo yemera ko ishengero ryashinzwe kuri Yezu Kristu we mushinge. Yabona ko “urwo rutare . . . rwari Kristu.”1 Abakorenti 3:9-11; 10:4.

“URI PETERO . . . ”

None dukwiye gutahura gute ya majambo agira ati: “Uri Petero no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje”? Kugira dutahure umurongo kanaka wo muri Bibiliya turakeneye gusoma ibiwukikuje. Yezu na Petero bariko bavuga ibiki? Yezu yari ahejeje kubaza abigishwa biwe ati: “Mwiyumvira ko ndi nde?” Ata guca ku ruhande Petero yishuye ati: “Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.” Yezu yaciye amukeza aca yongerako yuko yokwubatse “Ekleziya” yiwe, ari ryo shengero ryiwe, kw’“ibuye” rikomeye cane. Iryo buye, ni ukuvuga Yezu ubwiwe, ni ryo Petero yari ahejeje kwerekana ko yizeye.Matayo 16:15-18.

Dukwiye gutahura gute ya majambo ya Yezu agira ati: “Uri Petero no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje”?

“Abakuru ba Ekleziya” benshi barashigikiye ico ciyumviro, bavuga ko iryo buye ryo muri Matayo 16:18 ari Kristu. Nk’akarorero, mu kinjana ca gatanu, Augustino yanditse ati: “Umukama yavuze ati: ‘Kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje,’ kuko Petero yari ahejeje kumubwira ngo: ‘Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.’ Kuri iryo buye uvuze rero ni ho nzokwubaka Ekleziya yanje.” Augustino yarerekanye kenshi ko iryo “buye (Petra) ari Kristu.”

Umuntu afatiye ku nyigisho za gatolika zo muri kino gihe yoca avuga ko Augustino n’abo bandi bantu bari abahakanyi. Nkako, umunyatewolojiya w’Umuswise yitwa Ulrich Luz, avuga ko abahinga mu vya Bibiliya bose bahuriza kuri ico ciyumviro na bo nyene boca bitwa abahakanyi.

PAPA YOBA ARI UMUSUBIRIZI WA PETERO?

Izina ry’icubahiro “papa” intumwa Petero nta n’iryo yigeze amenya. Abasenyeri benshi batari ab’i Roma bariyita iryo zina gushika mu kinjana c’icenda. Naho ari ukwo, gushika mu mpera z’ikinjana ca 11 ntiryari bwafatwe nk’izina ridasanzwe rigenewe umuntu kanaka. Vyongeye, nta mukirisu n’umwe wo mu ntango yigeze yiyumvira ko hari ubukuru Petero yahawe ngo bwokwegukiye abogiye baramusubirira. Ni co gituma umuhinga w’Umudagi yitwa Martin Hengel yavuze ko “ata kimenyamenya na kimwe co muri kahise canke mu vya tewolojiya gishigikira ‘ubukuru’ abapapa bahavuye baronka.”

Muri make none, Petero yoba ari we yabaye umupapa wa mbere? Hoba hari abamusubiriye? Inyigisho ya Ekleziya yerekeye ubukuru bw’abapapa yoba ishingiye kuri Bibiliya? Inyishu y’ivyo bibazo vyose ni oya. Ico tuzi tudakeka co ni uko Yezu yashinze ishengero ryiwe kuri we ubwiwe. (Abanyefeso 2:20) Ikibazo gihambaye rero umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza ni iki: Noba naratoye iryo shengero ry’ukuri?

^ ing. 8 Ivyanditswe vyose vyo mw’Isezerano rishasha bisubirwamwo muri iki kiganiro vyakuwe mu Bwuzure Bushasha, bukaba bukoreshwa cane n’abagatolika.