Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | YOZEFU

“Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”

“Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”

YOZEFU ahagaze mu busitani bwiwe, bukaba bugorovye. Kumbure ariko yitegereza ibiti vy’ingazi z’itende n’ibindi biti vy’ivyamwa be n’ahantu hateze amazi arimwo amashurwe. Hirya gatoyi y’uruzitiro, arabona ikirimba ca Farawo. Iyumvire Yozefu ari hanze akumva amajwi azananye mu nzu iwe. Ni umuhungu wiwe Manase ariko arakinisha karumuna kiwe Efurayimu kakiri akayoya, kagaca gatwenga. Yozefu ariyumvira ingene umugore wiwe ariko aratwenga yitegereza ivyo utwana twiwe twigira. Aramwenyura, akabona yuko Imana yamuhezagiye.

Yozefu yise umuhungu wiwe w’imfura Manase kubera ivyo Imana yamwibagije vyose. (Itanguriro 41:51) Ivyo Imana iherutse kumukorera nta gukeka ko vyamwibagije umubabaro yagira yibutse iwabo, abo bivukana, na se. Urwanko bakuruwe bamugiriye rwatumye ubuzima bwiwe buhinduka. Baramugurukiyeko bamugirira nabi, biyumvira kumwica ariko mu nyuma bamugurisha ku badandaza b’ingenzi ngo aje kuba umuja. Kuva ico gihe, yagiye arahura n’ingorane mu buzima. Mu kiringo c’imyaka hafi 12, yarabaye umuja hanyuma aratabwa mw’ibohero, amara igihe aboheshejwe ivyuma. Ariko ubu ni umutegetsi mu gihugu gikomeye ca Misiri, akaba agira kabiri havuye Farawo! *

Mu myaka n’iyindi, Yozefu yariboneye ingene ivyo Yehova yari yaravuze vyarangutse ata gahaze. Ya myaka indwi y’umusesekara yavugwa ubu igeze kure, kandi Yozefu yarujuje intete mu bigega vyo mu gihugu cose. Muri iyo myaka, Yozefu yaravyaranye n’umugore wiwe Asenati abahungu babiri. Naho ari ukwo, birashika kenshi akibuka ab’iwabo bari iyo catawe, canecane murumunawe Benyamini na se wiwe Yakobo akunda cane. Ashobora kuba yibaza nimba bakiriho canke bakomeye. Ashobora kandi kuba yibaza nimba bakuruwe barahinduye agatima kabo k’ubukoko canke nimba yoshobora gutuma umuryango wabo usubiza hamwe.

Vyoba birashika mu muryango iwanyu amahoro agahungabana kubera ishari, uguhemuka canke urwanko? Nimba ari ukwo, hari ico muhuriyeko na Yozefu. Ni igiki twigira ku kwizera Yozefu yagaragaje mu kwitwararika ab’iwabo?

‘NIMUGENDE KWA YOZEFU’

Yozefu yari afise vyinshi akora, imyaka na yo ikaguma yiruka. Nk’uko nyene Yehova yari yaravyerekanye muri ya ndoto ya Farawo, imyaka indwi y’umusesekara yakurikiwe n’amahinduka akomeye. Imirima ntiyari icimbuka! Ikigoyi nticatevye gutera no mu bihugu bibanyi vyose. Ariko Bibiliya ivuga yuko “mu gihugu cose ca Misiri hari umukate.” (Itanguriro 41:54) Nta gukeka ko ivyo Yozefu yari yaravuze afashijwe n’Imana be n’ukuntu yatunganije ibintu neza, vyatumye Abanyamisiri bahungukira.

Kubera ko Yozefu yagumye yicisha bugufi, Yehova na we yagumye amukoresha

Abanyamisiri bashobora kuba barakengurukira cane Yozefu bakanamuhayagiza kubera azi gutunganya ibintu neza. Ariko Yozefu ntiyokwemeye ko ivyo bintu vyose vyitirirwa uwundi muntu atari Imana yiwe Yehova. Mu gihe natwe twokoresha ingabirano dufise mu gukorera Imana twicishije bugufi, yoshobora gutuma tuzikoresha mu buryo burengeye ubwo twokwiyumvira.

Amaherezo, Abanyamisiri na bo nyene ikigoyi carabateye. Batakambiye Farawo ngo abafashe, yababwiye ati: “Nimugende kuri Yozefu. Ico ababwira cose mugikore.” Yozefu yaciye atangura kwugurura ibigega vyari vyuzuyemwo intete, abantu bakaza baragura ivyo bakeneye.Itanguriro 41:55, 56.

Ariko rero, mu bihugu bibanyi abantu ntibaronka n’aho basumira. Kure ku bilometero amajana, i Kanani, ab’iwabo na Yozefu bari bamerewe nabi. Yakobo uwari ageze mu zabukuru yarumvise ko mu gihugu ca Misiri hari intete maze arungika abahungu biwe ngo bamanukeyo kugura imfungurwa.Itanguriro 42:1, 2.

Yakobo yarungitse abahungu biwe cumi, ariko ntiyarungika Benyamini umuhererezi. Yakobo yari acibuka neza ingene vyagenze igihe yarungika Yozefu umuhungu wiwe yakunda cane ngo aje kuraba bakuruwe. Ijisho ryabaye iryo! Bakuru ba Yozefu bagarutse muhira bazanye ya kanzu nziza yerekana urukundo rudasanzwe se yamukunda, bayizana itabaguritse, yuzuyeko amaraso. Batumye umutama wabo avunika umutima, yiyumvira ko Yozefu yariwe n’ibikoko vyo mw’ishamba.Itanguriro 37:31-35.

‘YOZEFU YACIYE YIBUKA’

Inyuma y’urugendo rurerure, abahungu ba Yakobo bahavuye bashika mu Misiri. Bariko barabaza aho bogurira intete, babarungitse ku mutegetsi mukuru yitwa Zafenati-paneya. (Itanguriro 41:45) Igihe bamubona, boba baramenye ko ari Yozefu? Habe namba. Kuri bo, yari umutegetsi mukuru wo mu Misiri yobafashije kuronka ivyo bakeneye. Bamubonye, “baramwunamira, mu maso habo hakora hasi.” Ico cari ikimenyetso cerekana icubahiro.Itanguriro 42:5, 6.

Yozefu we yoba yarabamenye? Yabamenye nk’ejo! Vyongeye, bamwunamiye yaciye yibuka ivyabaye akiri agahungu gatoyi. Inkuru itubwira yuko “Yozefu [yaciye] yibuka indoto” Yehova yari yaramurotesheje akiri umwana, indoto zerekana yuko bakuruwe bomwunamiye. Ivyo nyene ni vyo bari bahejeje kugira! (Itanguriro 37:2, 5-9; 42:7, 9) None Yozefu yari gukora iki? Yari kubagumbira? Canke yari kubihora?

Yozefu yari azi neza ko adakwiye gupfa gukora uko umutima umubwiye. Yaratahura neza ko Yehova ari we yariko atuma ivyo bintu biba. Vyari bijanye n’umugambi w’Imana. Imana yari yarasezeraniye Yakobo ko izotuma uruvyaro rwiwe ruba ihanga rikomeye. (Itanguriro 35:11, 12) Nimba bakuru ba Yozefu bari bagifise agatima k’ubukoko n’ubwikunzi, bakiri n’abantu ata co bibanga, vyari kugira ingaruka mbi ku mugambi w’Imana! Ikigeretseko, Yozefu agize uko ishavu rigize, hari aho vyari gutuma haba icuka kibi mu muryango, n’ivyahuha bigahuhuka, bikanatuma se wiwe na Benyamini bageramirwa. Mbega hoho, boba bari bakiriho? Yozefu yashimye kutimenyekanisha kugira ngo ashobore kugeza bakuruwe, arabe ko boba barahinduye umutima. Yari guca amenya rero ico Yehova agomba ko akora.

Hari aho utokwigera ushikirwa n’ivyashikiye Yozefu. Ariko rero, mw’isi ya kino gihe indyane n’ukutumvikana bireze mu miryango. Igihe duhanganye n’ingorane nk’izo, hari aho wosanga dukoze uko umutima wacu udatunganye utubwiye, tugapfa gukora ibitujemwo. Vyoba vyiza twiganye Yozefu tukagerageza gutahura ico Imana yoshima ko dukora. (Imigani 14:12) Birahambaye kugiranira amahoro n’abo mu muryango. Ariko wibuke yuko igihambaye kuruta ibindi ari ukugiranira amahoro na Yehova be n’Umwana wiwe.Matayo 10:37.

“IKI NI CO KIZOBAGEZA”

Yozefu yaciye atangura kugeza bakuruwe kugira ngo arabe imitima yabo. Yabanje kuvugana na bo abakarira biciye ku musobanuzi, abagiriza ko ari abanyamahanga baje kugira iperereza. Mu kwisigura, bamubwiye ivyerekeye umuryango wabo, bavuga n’ikintu gihambaye c’uko bafise murumuna wabo yasigaye muhira. Yozefu avyumvise, yaragize umunezero ariko arigumya. Uwo murumunawe yoba vy’ukuri yari akiriho? Yozefu yaciye abona ico yokora. Yavuze ati: “Iki ni co kizobageza,” aca ababwira ko ategerezwa kubona uyo mwene wabo. Mu nyuma, yaremeye ko bosubira muhira kuzana murumuna wabo, baramutse bemeye ko umwe muri bo asigara ari imbohe.Itanguriro 42:9-20.

Bakuruwe baciye batangura kuvugana batazi ko Yozefu ariko arabumva, biyagiriza ku kibi gikomeye bari barakoze, hakaba hari haheze imyaka 20. Bavuze bati: “Ni ukuri turi n’ikitwagira ku bijanye na mwene wacu, kuko twabonye amarushwa yiwe igihe yatakamba asaba ngo tumwumvire impuhwe, ariko ntitwumvirize. Ni co gituma aya marushwa adushikiye.” Yozefu yaratahuye ivyo bariko baravuga, maze yigirwa kure kugira ntibamubone ariko ararira. (Itanguriro 42:21-24) Ariko rero, yari azi neza ko kwicuza ingaruka z’ikibi wakoze bidahagije kugira ngo werekane ko wigaye vy’ukuri. Yaciye abandanya kubageza.

Yaciye abarungika muhira, Simeyoni asigara ari imbohe. Ikindi kandi, yaranyegeje amahera mu masaho yabo y’ibifungurwa. Bakuruwe baratashe muhira bagondoza Yakobo ngo abahe Benyamini uwo yakunda cane, ngo bajane mu Misiri. Bashitse mu Misiri, umugabo yari ajejwe inzu ya Yozefu baramuhishutse ivya ya mahera basanze mu masaho yabo, bamubwira ko bipfuza kuyasubiza yose. Bari bagize neza, ariko Yozefu yari agikeneye kumenya ukuntu bameze vy’ukuri. Yarabateguriye inzimano zidasanzwe, ariko akaguma agerageza guhisha ikigumbagumba afise kubera ko abonye Benyamini. Mu nyuma yarabarungitse muhira, basubira kugenda bafise ibifungurwa. Ariko mw’isaho ya Benyamini yari yanyegejeyo igikombe c’ifeza.Itanguriro 42:26–44:2.

Umutego wa Yozefu wagira ufate. Yaciye atuma umuntu ngo abakurikire, abafate, abagirize ko bivye ico gikombe. Igihe basanga nya gikombe mw’isaho rya Benyamini, bose baciye basubizwa inyuma kwa Yozefu. Yozefu yari aronse akaryo ko kumenya neza ingene bakuruwe bameze vy’ukuri. Yuda ni we yababereye umuvugizi, arabasabira ikigongwe, aremera mbere ko bose uko ari 11 boba abashumba mu Misiri. Yozefu yaciye avuga ko Benyamini ari we wenyene ategerezwa gusigara mu Misiri ngo abe umushumba, abo bandi bose bagataha.Itanguriro 44:2-17.

Yuda yaciye yishurana ikibabarwe cinshi ati: “[Ni] we wenyene asigaye kuri nyina, kandi se wiwe aramukunda cane.” Ayo majambo ategerezwa kuba yarakoze ku mutima Yozefu kuko yari imfura ya Rasheli umugore Yakobo yakunda cane, uwapfuye ariko yibaruka Benyamini. Cokimwe na se wiwe, Yozefu ategerezwa kuba yaribuka cane nyina Rasheli. Ivyo bishobora kuba vyaratuma Yozefu yiyumvamwo cane mwene nyina Benyamini.Itanguriro 35:18-20; 44:20.

Yuda yaciye atakambira Yozefu ngo ntagire Benyamini umushumba. Yaremeye no kuba umushumba mu gishingo ciwe. Mu kurangiza, yavuze aya majambo akora ku mutima agira ati: “Mbega noshobora nte kuduga kwa dawe uwo muhungu atari kumwe nanje? Kuko nohava nitegereza ivyago bizoshikira dawe.” (Itanguriro 44:18-34) Emwe, ico cari ikimenyamenya c’uko uwo mugabo yari yarahindutse! Uretse ko yigaye, yarerekanye mu buryo bukora ku mutima ko afise impuhwe, ikibabarwe n’ukwihebera abandi.

Yozefu yarabonye ko bene wabo bicujije ikibi bamukoreye

Yozefu vyaciye bimwanka mu nda. Ntiyari agishobora kwihangana. Yaciye asohora abasuku biwe bose, araturikisha ararira gushika aho ijwi rigera ku kirimba kwa Farawo. Vyakabaye kera, yaridondoye avuga ati: “Ndi Yozefu mwene wanyu.” Bene wabo baciye bajumararirwa! Yozefu yarabaguye mu nda, arabereka ko abahariye ivyo bamukoreye vyose. (Itanguriro 45:1-15) Yarerekanye ko yigana Yehova, we ababarira cane. (Zaburi 86:5) Twoba natwe tubabarira abandi?

‘URACARI MUZIMA’!

Farawo amenye igituma hari amarira menshi kwa Yozefu, yaciye amubwira ngo atumeko se wiwe ageze mu zabukuru be n’umuryango wiwe wose, baze kuba mu Misiri. Haciye igihe gito, Yozefu yarasubiye kubonana na se wiwe yakunda cane. Yakobo yararize maze avuga ati: “Ubu ninshake nipfire, ko mbonye mu maso hawe, kuko ukiri muzima.”Itanguriro 45:16-28; 46:29, 30.

Yakobo yarabayeho iyindi myaka 17 mu Misiri. Emwe yararamvye, mbere aranahezagira abahungu biwe 12 ababwira ivyobabayeko muri kazoza. Yozefu, uwagira 11 mu bahungu biwe, yamuhaye imigabane ibiri yahabwa imfura. Imiryango ibiri ya Isirayeli yokomotse kuri we. Bite ho ku muhungu wiwe agira kane, ari we Yuda, uwabaye intore gusumba bene wabo bose igihe yagaragaza ukwigaya? Yaronse umuhezagiro udasanzwe: Mesiya yokomotse mu muryango wiwe!—Itanguriro, ikigabane ca 48 n’ica 49.

Igihe Yakobo yapfa afise imyaka 147, bene wabo na Yozefu baratinye yuko azohava abihora narirya yari umutegetsi akomeye. Mugabo Yozefu yarabasubirije umutima mu nda abigiranye urukundo. Yari yarababwiye ashimitse yuko boreka kwiyagiriza ku bijanye n’ivyabaye, kubera ko Yehova ari we yashatse yuko umuryango wabo uja kuba mu Misiri. Yaciye ababaza iki kibazo gikomeye: “Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?” (Itanguriro 15:13; 45:7, 8; 50:15-21) Yozefu yabona ko Yehova ari we Mucamanza mukuru. None Yozefu yari nde aho yari guhana abo Yehova yahariye?Abaheburayo 10:30.

Vyoba bishika bikakugora guharira abandi? Ivyo vyoshika canecane igihe hari uwadukoreye ikibi nkana. Ariko duhariye abandi bivuye ku mutima igihe bigaye vy’ukuri, bizotuma dukira igikomere dufise ku mutima, bikize n’abandi. Tuzoba kandi twiganye ukwizera kwa Yozefu n’akarorero keza ka Data wa twese yuzuye imbabazi, Yehova.

^ par. 4 Raba ibiganiro bivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo” vyasohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2014 be n’uwo ku wa 1 Ruhuhuma 2015.