Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Amaso ya Jairo ni yo amufasha gukorera Imana

Amaso ya Jairo ni yo amufasha gukorera Imana

Iyumvire kuba ata gihimba na kimwe ushobora gukoresha atari amaso yawe! Ayo ni yo mwene wacu Jairo agowe. Yamara, araryohererwa ubuzima. Imbere y’uko ndababwira igituma aburyohererwa, reka ndabayagire ivyiwe.

Jairo yavukanye ubwoko bw’indwara yonona ubwonko yitwa tétraplégie spastique. * Iyo ndwara iratuma adashobora gukoresha ibihimba nka vyose vy’umubiri wiwe. Kubera ko ubwonko bwiwe budakorana neza n’imitsi, bituma aza arata amaguru n’amaboko, kandi bikaza birihotora bukwi na bukwi. Hari igihe ivyo bituma Jairo yikomeretsa. Vyongeye, abari iruhande yiwe barashobora kugira ingorane batabaye maso. Ikibabaje, amaguru n’amaboko yiwe kenshi bitegerezwa kuboherwa ku gakinga kiwe k’abamugaye kugira ngo ntihabe mwene ayo masanganya.

YAGIZE UBUBABARE KUVA MU BWANA

Ikura rya Jairo ryatumye ababara cane. Afise amezi atatu, yaratanguye gufatwa n’intandara zatuma ata ubwenge. Kenshi mawe yaca amwirukankana kwa muganga amugumije rwose, yibaza ko yapfuye.

Kubera ukwo kuntu yamugumya rwose n’ukuntu yihotagura, vyarashitse aho amagufa yiwe agorama. Afise imyaka 16, amagufa yo mu kiyunguyungu yaratanye, bisaba ko abagwa bimwe bikomeye mw’itako no mu kiyunguyungu. Ndacibuka ingene Jairo yarira imisi yose mw’ijoro igihe nya hantu bamubaze hariko harakira.

Ubwo bumuga bwa Jairo butuma ata kintu na kimwe yikorera, nk’ugufungura, kwambara no kwiryamika. Dawe na mawe ni bo kenshi babimukorera. Naho Jairo yama akenera ko bamufasha, abavyeyi bacu bama bamwibukije yuko ubuzima bwiwe budahagaze ku bantu gusa ariko kandi ko buhagaze ku Mana.

TURONKA UBURYO BWO KUVUGANA NA WE

Abavyeyi bacu ni Ivyabona vya Yehova. Bamye basomera Jairo inkuru zo muri Bibiliya kuva akiri uruyoya. Bamye bazi ko ubuzima burushiriza kugira intumbero igihe umuntu afitaniye ubucuti bwiza n’Imana. Naho Jairo yari afise izo ngorane zose z’amagara, bari bazi yuko ashobora kugira icizigiro ca kazoza giteye umunezero kandi gikomeye cane. Ariko rero, vyarashika kenshi bakibaza nimba yotahura ivyo Bibiliya yigisha.

Umusi umwe Jairo akiri umwana, dawe yamubajije ati: “Jairo, womvugisha?” Yaciye yongerako ati: “Niwamvugisha, nca mbona ko unkunda vy’ukuri!” Kubera ko dawe yagumye amwinginga ngo avuge ijambo na rimwe, Jairo amosozi yaciye atembera mu maso. Yaragerageje kuvuga ukuntu yiyumva, ariko ijwi riranka kurengana mu muhogo. Dawe vyaramubabaje kubona amurijije. Ariko ivyo vyerekanye ko bwa bundi Jairo yatahura ivyo dawe yariko aravuga. Ingorane yari afise ni uko atashobora kuvuga.

Haciye igihe gito, abavyeyi bacu barabonye yuko rimwe na rimwe Jairo ahindukiza amaso ningoga na ningoga kugira ngo aserure iciyumviro ciwe canke ukuntu yiyumva. Jairo vyaramubabaza kubona vyarashika ntibatahure ivyo ashaka kuvuga. Mugabo igihe abavyeyi baba batahuye ibimenyetso yaba agize n’amaso maze bakamugirira ico akeneye, yaca amwenyura akamwemwe kakamusya. Ukwo ni ko yagira ashaka kuvuga ngo urakoze.

Umuhinga afasha abafise ingorane yo kuvuga yaratugiriye inama yodufasha kuvugana na Jairo. Yatubwiye ngo tuze turaduza amaboko yompi igihe tumubajije ikibazo gisaba kwishura ego canke oya, ukuboko kw’iburyo kugasobanura ego, ukw’ibubamfu na kwo kukaba oya. Aravye ukuboko kw’iburyo yobaye avuze ego, aravye ukw’ibubamfu na kwo akaba avuze oya.

IKINTU C’INTIBAGIRWA MU BUZIMA BWA JAIRO

Gatatu mu mwaka, Ivyabona vya Yehova baragira ibikorane, hagashikirizwa insiguro zishingiye kuri Bibiliya. Jairo yararyoherwa cane igihe cose haba hariko harashikirizwa insiguro y’ababatizwa kuri ivyo bikorane. Igihe kimwe, afise imyaka 16, dawe yamubajije ati: “Uripfuza kubatizwa ga Jairo?” Ubwo nyene yaciye araba ukuboko kw’iburyo kwa dawe, aba yerekanye ko avyipfuza. Dawe yaciye yongerako ati: “Woba waramaze gusezeranira Imana mw’isengesho ko uzoyikorera ibihe vyose?” Jairo yarasubiye guhanga amaso ukuboko kw’iburyo kwa dawe. Vyarabonetse ko yari yaramaze kwegurira ubuzima bwiwe Yehova.

Inyuma y’ibiganiro bitari bike bishingiye kuri Bibiliya, vyaragaragaye ko Jairo yatahura neza ico ibatisimu isobanura. Mu 2004 rero, yarishuye ikibazo gihambaye rwose atari bwigere abazwa kivuga giti: “Woba wariyeguriye Imana kugira ngo ukore ivyo igomba?” Jairo yishuye ico kibazo mu kurabisha amaso hejuru. Ni bwo buryo yari yatoye bwo kuvuga ngo ego. Gutyo, afise imyaka 17, yarabatijwe araba Icabona ca Yehova.

AMASO YIWE AYATUMBEREZA KU BINTU VY’IMANA

Mu 2011, Jairo yararonse uburyo bushasha bwo kuvuga. Ubwo buryo yari orodinateri ikorana n’amaso yiwe. Iyo orodinateri irakurikirana aho atumbereje amaso kuri yo. Akubise urugohe canke akaraba cane akamenyetso kanaka ko kuri orodinateri, gaca kuguruka, bikamera nk’aho afyonze ku co bita akabeba ka orodinateri (souris). Haratunganijwe amashusho amufasha kuvuga. Akubise urugohe atumbereje kw’ishusho kanaka, orodinateri ica ifata amajambo ahuye n’iyo shusho ikayasoma isohora ijwi.

Uko Jairo yarushiriza gutahura Bibiliya, ni ko yarushiriza kugira icipfuzo co gufasha abandi kumenya Imana. Mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya yo mu muryango twama tugira buri ndwi, arakunda kundaba agaca araba no kuri orodinateri yiwe. Aho aba ashaka kunyibutsa yuko nkwiye kwandika ivyo azokwishura mu biganiro vyo kubaza ibibazo tugira ku makoraniro yacu y’ishengero.

Ku makoraniro, aratembereza amaso kuri orodinateri yitonze kugira ngo ayatumbereze ku kamenyetso gahuye n’ivyo ashaka kuvuga, maze imashini igaca isohora ijwi bose bakaryumva. Araryoherwa cane igihe cose aremesheje ishengero muri ubwo buryo. Umwe mu bagenzi ba Jairo akiri muto yitwa Alex, avuga ati: “Vyama binkora ku mutima igihe cose Jairo agize ico avuze ku bijanye na Bibiliya.”

Kugira ngo Jairo abwire abandi ivyo yemera yongere agire ico avuze ku makoraniro, akoresha orodinateri yiwe ikorana n’amaso igasohora ijwi

Jairo aranakoresha amaso kugira abwire abandi ivyo yemera. Uburyo bumwe akoresha ni ugutumbereza amaso kw’ishusho yerekana itongo ryiza ririmwo ibikoko n’abantu b’ubwoko bwose bibanye mu mahoro. Orodinateri ica isohora ijwi rivuga riti: “Bibiliya iratanga icizigiro c’uko isi izoba Iparadizo aho ata ndwara canke urupfu bizoba bihari. Ivyahishuwe 21:4.” Umuntu ashimishijwe n’ubwo butumwa, Jairo aca atumbereza amaso ahandi, orodinateri igaca ivuga iti: “Woshima kwigana Bibiliya nanje?” Igitangaje, sokuru yaremeye ko bigana Bibiliya. Biraryoshe cane kubona Jairo ariko arigisha sokuru Bibiliya buhorobuhoro, ari kumwe n’Icabona ca Yehova mugenziwe! Ntiworaba ingene vyari bihimbaye kubona sokuru abatizwa kw’ihwaniro ry’akarere i Madrid, muri Myandagaro 2014.

Abigisha b’aho Jairo yiga barabona ko akunda Imana. Umwe mu bamwigisha kuvuga yitwa Rosario, yarigeze kuvuga ati: “Umusi nashatse kuja mw’idini kanaka, nzoja mu Vyabona vya Yehova. Narabonye ingene ukwizera kwa Jairo kwatumye ubuzima bwiwe bugira intumbero vy’ukuri, naho yifitiye ingorane.”

Igihe cose nsomeye Jairo umuhango wo muri Bibiliya uvuga uti: “Uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri, kandi ururimi rw’ikiragi ruzokwiha akamo k’urweze,” nama nca mbona akeye mu maso. (Yesaya 35:6) Naho bishika akihebura, muri rusangi ni umuntu afise umunezero. Ivyo bishoboka kubera ko ashigikirwa n’Imana be n’abagenzi biwe b’abakirisu. Umunezero n’ukwizera gukomeye afise ni icerekana ko gukorera Yehova bituma umuntu ahimbarirwa ubuzima naho aba afise ingorane.

^ ing. 5 Mwene izo ndwara zonona ubwonko usanga zituma umuntu adashobora kuva aho ari. Zirashobora kandi gutera intandara, ingorane zo gufungura no kuvuga. Iyo ndwara yitwa tétraplégie spastique ni yo mbi cane muri zose. Irashobora gutuma amaboko n’amaguru bidadarara, izosi na ryo rikanyoganyoga.