Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA YOBA IKWITWARARIKA?

Imana iragutahura

Imana iragutahura

“Ewe Yehova, waranseranguye, kandi uranzi.”ZABURI 139:1.

“Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo.”ZABURI 139:16

IGITUMA BAMWEBAMWE BAKEKERANYA: Abantu benshi biyumvira ko Imana ibona yuko abantu ari abacumuzi gusa, abahumanye kandi batabereye ko ibitaho. Kendra, uwigeze kurwara akabonge, yariyagiriza cane kubera yuko atakurikiza neza ivyo Imana imusaba. None vyavuyemwo iki? Avuga ati: “Nahavuye mpagarika kuyisenga.”

ICO IJAMBO RY’IMANA RYIGISHA: Yehova ararengera utunenge twawe agatahura uwo uri vy’ukuri. Bibiliya ivuga yuko “azi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu.” Vyongeye, ntadukorera “ibihwanye n’ibicumuro vyacu,” ahubwo araduharira igihe twigaye.Zaburi 103:10, 14.

Iyumvire ibijanye na Dawidi, umwami wa Isirayeli yavuzwe mu kiganiro ca mbere c’uru rukurikirane. Mw’isengesho Dawidi yatuye Imana, yavuze ati: “Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo, kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe . . . Mana, nunserangure umenye umutima wanje.” (Zaburi 139:16, 23) Naho Dawidi yacumura, bikaba mbere vyarashitse agakora ibicumuro bikomeye, yari azi neza ko Yehova yabona ko yigaya bivuye ku mutima.

Yehova aragutahura kuruta uko uwundi muntu uwo ari we wese yogutahura. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.” (1 Samweli 16:7) Imana irazi igituma umeze uko uri. Irazi ko ibintu mvukanwa wakuye ku bavyeyi bawe, ukuntu wakuze, ikibano ubayemwo na kamere yawe, vyose bigira ico bikoze ku kuntu umeze. Irabona kandi igaha agaciro utwigoro ugira two kuba umuntu ameze neza, naho bishika ugakora amakosa.

Ariko none, kuba Imana itahura neza ukuntu umeze vy’ukuri, ivyisunga gute kugira iguhoze?