Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI IBINTU BIBI BISHIKIRA ABANTU BEZA?

Ibintu bibi ni vyinshi cane!

Ibintu bibi ni vyinshi cane!

Smita * ni umugore w’imyaka 35 aba i Dhaka muri Bangladeshi. Yari azwi ko ari umuntu akundana kandi yitwararikana. Abantu bari bazi ko ari umukenyezi akora cane kandi ahimbawe, yashaka gufasha abandi kumenya ivyo yari yarize ku vyerekeye Imana. Ese ingene umuryango n’abagenzi biwe bakubiswe n’inkuba igihe baza babona Smita afashwe n’indwara yaciye imuhitana ata n’indwi ihaciye!

James n’umukenyezi wiwe bari baherutse kwubakana, bakaba bari bageze mu myaka 30, kandi bari bazwi neza nka Smita. Igihe kimwe mu mpeshi, baragiye kuramutsa abagenzi babo mu karere kari hafi y’inkengera y’ibahari yo mu burengero bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ntibigeze basubira iwabo i New York. Bari ku rugendo, barahuye n’isanganya ry’imodoka ryaciye ribahitana, risiga incuti zabo, abagenzi n’abo bakorana bafise intuntu idasanzwe.

Si ngombwa ngo wirirwe uraraba kure kugira ubone ukuntu ububisha n’imibabaro ari vyinshi muri iki gihe. Intambara zirajaniranya abanyagihugu n’abasoda. Ububisha n’ubukazi birahitana abantu ata co bazira. Amasanganya yica be n’indwara zisinzikaza cane ntibiraba imyaka umuntu afise canke ukuntu ivyiwe vyifashe mu buzima. Ivyago vy’ivyaduka birahonya abantu ata gutoranya. Umwikeko n’akarenganyo bikwiye hose. Na wewe ubwawe birashobora kuba bimaze kugushikira.

Ntivyoba bitangaje wibajije ibibazo nk’ibi:

  • Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?

  • Imana yoba ari yo yobibazwa?

  • Ivyago vyoba bipfa kwiyadukiza canke biterwa n’abantu?

  • Imibabaro ishikira umuntu yoba ari ingaruka z’ivyo aba yarakoze muri kahise?

  • Nimba hariho Imana mushoboravyose, kubera iki idakingira abantu beza ngo ntibashikirwe n’ingorane?

  • Twoba tuzokwigera tubaho ata bubisha canke imibabaro?

Kugira twishure ivyo bibazo, turakeneye kumenya inyishu y’ibi bibazo bibiri bihambaye: Kubera iki ibibi bishika? Vyongeye, ni igiki Imana izokora?

^ par. 3 Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.