Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Ndonka inkomezi mu ntege nke zanje

Ndonka inkomezi mu ntege nke zanje

Uwombona nicaye mu gakinga k’ibimuga n’ibilo 29 nifitiye, ntiyokwiyumvira ko nkomeye ukuraho. Naho ingoga mfise zitera zigabanuka, nguma mfise inkomezi mu mutima. Reka ndabayagire ivyatumye ngira intege nke n’ivyatumye ngira inkomezi.

Mfise imyaka ine

Iyo nibutse igihe nari nkiri umwana, nca mbona ibiringo vyiza twaciyemwo igihe twaba mu kazu kacu ko mu gihugu hagati mu bumanuko bw’Ubufaransa, aho abavyeyi banje bahoze baba. Dawe yari yarankoreye uruvuma, kandi narakunda kwikina amatavu mu busitani bwacu. Mu 1966, Ivyabona vya Yehova baratugendeye i muhira, baramara umwanya munini baganira na dawe. Haciye amezi indwi gusa, dawe yarafashe ingingo yo kuba Icabona ca Yehova. Na mawe ntiyatevye gufata iyo ngingo, bikaba vyatumye nkurira mu muryango urangwamwo igishika.

Ingorane zatanguye kunshikira haciye igihe gito dusubiye muri Espanye, aho abavyeyi banje bavukiye. Naratanguye kwumva imisonga ikaze mu bikonjo no mu maso y’ibirenge. Tumaze imyaka ibiri tuja kuraba abaganga benshi, twararonse umuganga karuhariwe mu kuvura indwara zo mu ngingo, maze atubwira adacisha ku ruhande ati: “Nta co tugishoboye kumufasha.” Mawe yaciye atangura kurira. Turi mu biro biteye akoba vy’uwo muganga, narumvise avuga ngo “maladie auto-immune chronique” na “arthrite juvénile”  * n’ibindi bintu ntatahuye. Kubera ko nari akigeme k’imyaka cumi, nategereye bike mugabo naratahuye ko yariko avuga inkuru ibabaje.

Uwo muganga yaduhanuye kuja mu kigo kivurirwamwo abana. Tukihashika, nararavye inyubakwa zaho zitaryoheye ijisho nca numva ndacitse intege. Amategeko yaho yari akaze: Ababikira baramoye umushatsi banyambika n’umwambaro w’abarwayi utaryoshe kwambara. Naciye numva nshaka kurira, nibaza nti: ‘Aha hantu nzohashobora ga yemwe?’

NIBONERA INGENE YEHOVA AMFASHA

Kubera ko abavyeyi banje bari baranyigishije ko nkwiye gukorera Yehova, naranka kuja mu bintu bijanye n’ugusenga vy’abagatolika vyabera muri ico kigo. Ababikira ntibatahura igituma. Naratakambiye Yehova ngo ntampebe, kandi sinatevye kwumva ko ankikuje ukuboko kwiwe gukingira, nka kurya umuvyeyi akikuza amaboko umwana wiwe abigiranye urukundo n’igishika cinshi.

Abavyeyi banje baremererwa kuza kundaba umwanya mutoyi ku misi ya gatandatu. Baranzanira ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyo gusoma kugira ngo ukwizera kwanje kugume gukomeye. Mu bisanzwe abana ntibemererwa gutunga ibitabu vyabo bwite, mugabo ababikira baremeye ko ngumana Bibiliya n’ivyo bitabu, nkaba narabisoma imisi yose. Vyongeye narayagira abandi bakobwa icizigiro nari mfise co kubaho ibihe bidahera mw’isi y’Iparadizo, ata n’umwe akirwara. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Naho vyashika nkagira irungu n’umubabaro, narahimbarwa n’uko naguma ndushiriza kwizera no kwizigira Yehova.

Haheze amezi atandatu yandambiye cane, abaganga barandungitse i muhira. Indwara yanje ntiyari bwampe agahengwe, ariko nararyohewe no gusubira kuba kumwe n’abavyeyi banje. Mu ngingo z’umubiri hararushirije kwononekara, n’ububabare burongerekana. Nashitse mu buyabaga mfise intege nke cane. Naho ari ukwo, igihe nari mfise imyaka 14 narabatijwe, nkaba naripfuza gukorera Data wa twese wo mw’ijuru uko nshoboye kwose. Ariko vyarashika nkumva ndamushavuriye. Narasenga nti: “Kubera iki ari jewe bishikira? Ndagusavye unkize. Ntubona ko merewe nabi?”

Ubuyabaga bwambereye ikiringo kigoye. Vyabaye ngombwa ko ntahura yuko ntazokira. Vyarashika nkigereranya n’abagenzi banje, bobo bakaba bararitera bakarisama. Narumva umengo nta co maze, ivyo bikaba vyaratumye mba umuntu anumye cane. Ariko incuti n’abagenzi baramfata mu mugongo. Nk’akarorero ndibuka Alicia, uwandusha imyaka 20, yambereye umugenzi nyakuri. Yaramfashije kurengera indwara yanje no kwitaho abandi aho kwiyumvira gusa ingorane zanje.

NDONKA IBIMFASHA GUHA UBUZIMA BWANJE INTUMBERO

Mfise imyaka 18, narasubiye kuremba cane ku buryo no kwitaba amakoraniro vyanduhisha. Naho ari ukwo, akanya kose naronka muhira naca ndagakoresha mu gusoma Bibiliya nitonze. Igitabu ca Yobu n’ica Zaburi vyaramfashije gutahura ko muri iki gihe Yehova Imana atama adukingira ku mubiri, ahubwo ko adufasha canecane mu kuduha inkomezi. Amasengesho naguma ndamutura yatuma ndonka “ububasha burengeye ubusanzwe” n’ “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”2 Abakorinto 4:7; Abafilipi 4:6, 7.

Mfise imyaka 22, naratevye ndemera ko ngiye kubaho ngendera mu gakinga k’ibimuga. Nari mfise ubwoba bw’uko abantu batazoba bakimbona, ahubwo ko bazokwibonera gusa agakinga k’ibimuga kicayemwo umugore yazingamitswe n’indwara. Yamara, ako gakinga karatumye nsubira kuza ndikorera ibintu bimwebimwe, kandi ubwo buzima nabona ko bubabaje bwaravuyemwo umuhezagiro. Hari umugenzi yitwa Isabel yangiriye inama yo kwishingira umugambi wo kumara amasaha 60 mu kwezi kumwe namamaza inkuru nziza.

Mu ntango, nabona umengo ariko ararota. Ariko narasavye imfashanyo Yehova, maze ndabikora nshigikiwe n’umuryango be n’abagenzi. Ukwo kwezi kw’ibikorwa vyinshi sinamenye n’ingene kwarangiye, kandi narashoboye gutsinda ubwoba n’amasoni. Vyarandyoheye cane ku buryo mu 1996 nafashe ingingo yo kuba umutsimvyi asanzwe, ni ukuvuga nkaza ndamara igitigiri kanaka c’amasaha buri kwezi mvuga inkuru nziza. Iyo ni imwe mu ngingo nziza kuruta izindi zose nafashe, kuko yatumye ndushiriza kwiyegereza Imana, iranatuma ndonka utuguvu mu mubiri. Ico gikorwa carampaye akaryo ko kubwira abantu benshi ivyo nemera no gufasha bamwebamwe gucudika n’Imana.

YEHOVA ANGUMA HAFI

Mu ci ryo mu 2001, naragize isanganya rikomeye ry’umuduga, ndavunika amaguru yompi. Igihe nari ku musego mu bitaro ububabare buri mu kunyica, naratakambiye Yehova mu mutima nti: “Yehova, ndakwinginze ntumpebe!” Ubwo nyene umugore yari aryamye iruhande yanje yaciye ambaza ati: “Uri Icabona ca Yehova?” Kubera ko ata nguvu nari mfise zo kuvuga, naciye ndamwishura nkoresheje umutwe. Yaciye avuga ati: “Mwebwe ndabazi! Ndakunda gusoma ibinyamakuru vyanyu.” Ntiworaba ukuntu ayo majambo yandemesheje! Naho nari nteye akagongwe, nari nshoboye gushingira intahe Yehova. Mbega agateka!

Igihe natora ka mitende, naciye mfata ingingo yo gusubira kuvuga inkuru nziza. Mawe yaransunika ku gakinga ngatembera mu cumba nari ndwariyemwo amaguru yanje yompi ariko isima. Buri musi twaragendera bakeyi mu bari barwariye muri ico cumba, tukababaza ukuntu bamerewe, tukabaha n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Ico gikorwa caranduhisha, ariko Yehova yarampa inkomezi naba nkeneye.

Ndi kumwe n’abavyeyi banje mu 2003

Mu myaka mikeyi iheze, imisonga n’ububabare vyarongerekanye, urupfu rwa dawe na rwo ruza rusongera isibe. Ariko sinihebura. None ni ibiki bimfasha? Igihe cose bishoboka, ndagerageza kwifatanya n’incuti n’abagenzi, ivyo bikaba bituma ntaguma niyumvira ingorane mfise. Igihe na ho mba ndi jenyene, ndasoma Bibiliya, nkayiga canke nkabwira inkuru nziza abandi kuri telefone.

Kenshi ndahumiriza nkiyumvira ndi mw’isi nshasha Imana yadusezeraniye

Ndagerageza kandi kunezererwa ibintu biryoshe bisanzwe, nk’akayaga kaba kanciyeko mu maso canke akamoto k’amashurwe. Ivyo bituma ngira imvo zo gukenguruka. Gukunda gutwenga no gutwenza na vyo nyene biramfasha ntiworaba. Umusi umwe turiko turavuga inkuru nziza, umugenzi yariko aransunika ku gakinga kanje yarahagaze kugira yandike akantu. Kubera ko twari ahantu hamanuka, nagiye mbona ako gakinga gatanguye kumandagara, biranka ko ndagahagarika maze niseka ku muduga wari uhagaze. Twempi vyaratubabaje, ariko tumaze kubona ko ata co nabaye, twarabiteyeko inkuru turatwenga tureguka.

Hari ibintu vyinshi mu buzima ntashobora gukora. Ndavyita ivyipfuzo bikirindiriye kuranguka. Kenshi ndahumiriza nkiyumvira ndi mw’isi nshasha Imana yadusezeraniye. (2 Petero 3:13) Ndagerageza kwibona mfise amagara meza, ndiko ndagendagenda, ndyohererwa ubuzima nkaryimara. Ndafata nka nkama amajambo Umwami Dawidi yavuze ati: “Niwizigire Yehova; gira umutima rugabo kandi umutima wawe ukomere.” (Zaburi 27:14) Naho amagara yanje yagiye arayama, Yehova yarampaye inkomezi. Nguma ndonka inkomezi mu ntege nke zanje.

^ ing. 6 Arthrite juvénile ni ubwoko bw’indwara idakira ya rumatizime ifata abana. Iyo ndwara iterwa n’uko abasoda b’umubiri batanguye gutera no kwonona ibihimba vy’umubiri bitarwaye, ivyo bigatuma umuntu ababara mu ngingo kandi hakavyimba.