Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

‘Yehova ntiyanyibagiye’

‘Yehova ntiyanyibagiye’
  • YAVUTSE MU 1922

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: ESPANYE

  • IVYO YACIYEMWO: UMWIGISHA W’IKATIKISIMU

KAHISE KANJE:

Navukiye mu buraruko bwa Espanye mu gace k’igisagara ca Bilbao kabamwo abantu bafise ubuzima bubayabaye. Twavukana turi bane, jewe nkaba nagira kabiri. Mu muryango wacu, twari abagatolika b’imena, kandi imisi yose naraja mu misa. Mfise imyaka 23, narabaye umwigisha, ako kakaba ari akazi nakunda cane kandi namazemwo imyaka 40. Mu vyandyohera kwigisha harimwo inyigisho za Ekleziya Gatolika; buri mugoroba narigisha ikatikisimu abigeme bitegurira isangira rya mbere.

Maze imyaka 12 nibaniye neza n’umunega wanje, narapfakaye nsigara nireranye abakobwa bane. Ico gihe nari mfise imyaka 33 gusa! Naragerageje kuronderera uruhoza mu nyigisho za Ekleziya, mugabo hari ibibazo naguma nibaza. Naribaza nti: ‘Ko Kristu yaducunguye, kubera iki abantu babandanya gupfa? Nimba abeza baja mw’ijuru, kubera iki none dusaba ngo Ubwami bw’Imana buze?’ N’ikiruta vyose naribaza nti: ‘Nimba Imana iducira urubanza iyo dupfuye, kubera iki vyoba ngombwa ko mu nyuma tuva mw’ijuru, mw’ipurugatori canke mu miriro udahera kugira ngo ducirwe urubanza rwa nyuma?’

Ivyo bibazo narabibajije abapatiri bamwebamwe twabonanye. Umwe muri bo yanyishuye ati: “Nta vyo nzi. Urabaza musenyeri. Ivyo bibazo ubironderako iki? None ntiwemera Imana? Vyihoze!” Mugabo nagumye ndondera inyishu zavyo. Mu nyuma, narakurikiye insiguro zashikirijwe n’abajezuwite, abapentekoti be n’abitwa abaginositike. Mugabo nta na bamwe muri abo bampaye inyishu zinshika ku nyota.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Igihe nari mfise imyaka 60 irenga, hari umunyeshure w’imyaka indwi yantumiye kw’ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. Narashimye ivyo nahumviye be n’ivyo nahabonye, mugabo sinasubiye kubonana n’Ivyabona vya Yehova kubera ko nacurumba muri vyinshi. Haheze imyaka ibiri, Icabona ca Yehova yitwa Juan n’umukenyezi wiwe Maite barangendeye. Naramaze amezi atatu nganira na bo, nza ndababaza ibibazo vyinshi na bo banyishura, mu nyuma turatangura kwiga Bibiliya.

Si je nabona harageze ko twiga! Naratohoza vyose nitonze, nkagereranya Bibiliya zitandukanye kugira nsuzume ko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri. Sinatevye kubona ko nari maze imyaka mirongo ndi mu mwiza. Ndavye itandukaniro rikomeye ryari hagati y’ivyo nari nsanzwe nemera n’ivyo nariko ndiga muri Bibiliya, numva mbuze amahoro. Narumva ndengewe, kubera ko ivyo nahoze nemera vyariko birarandurwa nka kurya kw’igiti kirandurwa aho cashinze imizi.

Nari nzi neza yuko ukuri nubuye cari ikintu c’agaciro

Inyuma y’ivyo, umunega wanje agira kabiri yararwaye araremba maze arapfa. Nko muri ico kiringo nyene, narakukurutse, hanyuma ndamara igihe ntari i Bilbao. Juan na Maite na bo nyene baravuye i Bilbao. Icambabaje ni uko tutabandanije kwiga Bibiliya. Naho ari ukwo, nari nzi neza yuko ukuri nubuye cari ikintu c’agaciro, kandi sinigeze ndacibagira.

Haciye imyaka nka 20, nkaba nari mfise imyaka 82, Juan na Maite baragarutse i Bilbao, baraza kundaba. Ntiworaba ukuntu naryohewe nsubiye kubabona! Naciye mbona ko Yehova atari yanyibagiye, nca ndasubira kwiga Bibiliya. Juan na Maite baranyihanganiye cane, kubera ko kenshi naguma ndababaza ibibazo baba bamaze kunyishura. Naripfuza ko banyereka incuro n’izindi ibimenyamenya Bibiliya itanga kugira ngo bikunde mpebe ivyo nari nsanzwe nemera. Naripfuza kandi kuronka ibimenyamenya nokoresha mu gusigurira ukuri kwo muri Bibiliya incuti n’abagenzi.

Naratevye ndabatizwa mfise imyaka 87. Umusi nabatizwa wabaye uwuhimbaye gusumba iyindi yose mu buzima bwanje. Nabatijwe mu gihe c’ikoraniro rinini ry’Ivyabona vya Yehova. Kuri iryo koraniro, hari umukurambere mukirisu yashikirije insiguro ishingiye kuri Bibiliya yari igenewe canecane abari kubatizwa. Iyo nsiguro yarankoroje amosozi. Nayikurikiye nitonze, nk’aho umengo ni Yehova ubwiwe yariko avugana nanje. Mpejeje kubatizwa, Ivyabona vya Yehova batari bake baraje kunkeza naho benshi muri bo ryari ryo rya mbere bambonye!

IVYIZA NAHAKUYE:

Nari nsanzwe nzi ko Yezu Kristu ari we “nzira.” (Yohani 14:6) Ariko kwiga Bibiliya vyaramfashije kumenya uwo Yezu adushikanako, na we akaba ari Yehova. Ubu ndashobora gusenga Imana, mbona ko ari Data akaba n’Umugenzi nkunda cane. Sinzopfa nibagiye igihe nasoma igitabu Niwiyegereze Yehova. * Igihe nakironka, mw’ijoro rimwe gusa nari mpejeje kugisoma! Narakozwe ku mutima n’ukuntu Yehova ari umunyembabazi koko.

Ntereje amaso inyuma nkaraba igihe kirekire namaze ndondera ukuri kwerekeye Imana, nca nibuka amajambo Yezu yavuze agira ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa.” (Matayo 7:7) Ubu ko naronse inyishu nari nyotewe cane, ndahimbarwa rwose no kuzibwira abandi.

Naho mfise imyaka 90, numva umengo ndacari muto mu vy’Imana. Ikoraniro ryose nitaba ku Ngoro y’Ubwami rimbera akaryo kadasanzwe, kubera ndaharonkera ubumenyi bw’agaciro nkongera nkifatanya n’abavukanyi nikundira dusangiye ukwemera. Ndashashaye kuzosubira kuba umwigisha igihe isi izoba yabaye Iparadizo nk’uko Imana yabisezeranye. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Ariko ico nshashaye cane ni ukubona abanje bapfuye basubiye kuba bazima, maze nkaronka akaryo ko kubigisha ukuri kwo muri Bibiliya. (Ivyakozwe 24:15) Ndipfuza cane kuzobasigurira ukuntu Yehova yampaye ingabire y’agaciro mu busaza bwanje!

^ par. 15 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.