Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imibabaro igiye guhera!

Imibabaro igiye guhera!

Iyumvire uba mw’isi itarimwo imibabaro, ni ukuvuga isi itagiramwo ubukozi bw’ikibi, intambara, indwara be n’ivyago vy’ivyaduka. Iyumvire kwama uvyuka buri gitondo ata bwoba ufise bw’uko ivy’ubutunzi bishobora guhinduka, ata gukumirana canke agahahazo bikiriho. Ivyo bintu woba ubona ko bidashoboka? Tuvugishije ukuri, nta muntu canke ishirahamwe ry’abantu bishobora gutuma ivyo bintu bishoboka. Ariko Imana yarasezeranye gukuraho ibintu vyose bitera abantu imibabaro, ushizemwo n’ivyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki. Raba iyi mihango dusanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya:

UBUTEGETSI BWIZA

“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”Daniyeli 2:44.

Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru. Yezu Kristu, uwagenywe ngo abe Umwami w’ubwo bwami, azosubirira ubutegetsi bwose bw’abantu, yongere atume ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru. (Matayo 6:9, 10) Nta ntwaro n’imwe y’abantu izosubirira iyo ntwaro kubera ko ari “ubwami budahera bw’Umukama wacu n’Umukiza Yezu Kristu.” Hazoba amahoro aramba.2 Petero 1:11.

IDINI RY’IKIRYOMA NTIRIZOBA RIKIRIHO

“Shetani ubwiwe aguma yihindura umumarayika w’umuco. Ntibitangaje rero ko n’abasuku biwe na bo nyene baguma bihindura abasuku b’ubugororotsi. Ariko iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo.”2 Abakorinto 11:14, 15.

Idini ry’ikinyoma bizogaragara ko rikoreshwa na Shetani maze rikurwe kw’isi. Urwanko rwose n’ugusesa amaraso kwose bishingiye kw’idini bizokurwaho. Ivyo bizotuma abakunda “ya Mana nzima kandi y’ukuri” bose bayisenga mu “kwizera kumwe,” “mu mpwemu no mu kuri.” Ese ingene hazoba hari amahoro n’ubumwe!1 Abatesalonika 1:9; Abanyefeso 4:5; Yohani 4:23.

UKUDATUNGANA KUZOVAHO

“Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”Ivyahishuwe 21:3, 4.

Yehova Imana yaratumye ivyo bishoboka biciye ku Mwana wiwe Yezu, uwatanze ubuzima bwiwe ku bw’abantu. (Yohani 3:16) Biciye kuri Yezu, abantu bazoba abatunganye. Nta mibabaro bazosubira kugira  kuko “Imana ubwayo izobana na bo” ikongera igahanagura “amosozi yose ku maso yabo.” Ukudatungana n’imibabaro bizoba vyavuyeho. “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”Zaburi 37:29.

SHETANI N’AMADAYIMONI BAZOKURWAHO

“[Yezu Kristu] acakira ca gisato, ya nzoka yo mu ntango, ari we Mubesheranyi na Shetani, arakiboha kumara imyaka igihumbi. Aca akiraririza mu nyenga, arayugara, ayishirako ikimenyetso hejuru yaco, kugira nticongere kuzimiza amahanga.”Ivyahishuwe 20:2, 3.

Shetani n’amadayimoni yiwe ntibazosubira kwosha abantu kubera yuko bazoba baboshwe bagatererwa mu “nyenga,” ivyo bikaba bisobanura ko batazoba bagishoboye gukora ikintu na kimwe. Ntibazosubira kwigarurira abantu ngo babagireko akosho kabi. Kuba mw’isi itagiramwo akosho ka Shetani n’amadayimoni, ese ukuntu kuzoba ari ukuruhurirwa!

“IMISI YA NYUMA” IZORANGIRA

“Imisi ya nyuma” izorangirana n’ico Yezu yise “amakuba akomeye.” Yavuze ati: “Ico gihe hazoba amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.”Matayo 24:21.

Ayo makuba azoba akomeye kubera ko hazoba ivyago bikomeye kuruta ivyigeze kubaho vyose. Igihe cayo c’agaheta kizoshika kuri “Haru–Magedoni,” ya “ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.”Ivyahishuwe 16:14, 16.

Abantu bose bakunda ubugororotsi bararindiranye igishika iherezo ry’ivy’iyi si mbi. Rimbura mike gusa mu mihezagiro ibarindiriye igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza.

IMANA IZODUKORERA N’IBIRENZE IVYO!

“Isinzi rinini” rizozigamwa ryinjire mw’isi nshasha y’amahoro: Ijambo ry’Imana rivuga yuko “isinzi rinini” ry’abantu ritazwi igitigiri “[rizova] muri ya makuba akomeye” rikazigamwa, maze rikinjira mw’isi nshasha y’ubugororotsi. (Ivyahishuwe 7:9, 10, 14; 2 Petero 3:13) Ubukiriro bwabo bazobukesha “Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi,” ni ukuvuga Yezu KristuYohani 1:29.

Tuzokwungukira cane ku nyigisho iva ku Mana: Mw’isi nshasha, “isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova.” (Yesaya 11:9) Iyo nyigisho iva ku Mana izoba irimwo ubuyobozi budufasha kubana mu mahoro n’abantu bose be n’ibidukikije. Imana isezerana iti: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.”Yesaya 48:17.

Abacu bapfuye bazozurwa: Igihe Yezu yari kw’isi, yarazuye umugenzi wiwe Lazaro. (Yohani 11:1, 5, 38-44) Ivyo vyarerekanye ivyo azokora ku rugero runini mu gihe ca bwa Bwami bw’Imana.Yohani 5:28, 29.

Amahoro n’ubugororotsi bizosasagara ibihe bidahera: Mu gihe c’ubutegetsi bwa Kristu, ubugarariji buzoba bwavuyeho. Tuvyemezwa n’iki? Tuvyemezwa n’uko Yezu ashoboye kumenya ibiri mu mitima. Azokoresha rero ubwo bushobozi afise kugira ngo amenye umugororotsi n’umubisha. Abanka guhindura ingendo yabo y’ububisha ntibazokwemererwa kuba mw’isi nshasha y’Imana.Zaburi 37:9, 10; Yesaya 11:3, 4; 65:20; Matayo 9:4.

Ubwo ni buke gusa mu buhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya buvuga ibijanye n’igihe gihimbaye kiri imbere. Ubwami bw’Imana nibwamara kuganza isi yose, “amahoro menshi” azosasagara ibihe bidahera. (Zaburi 37:11, 29) Ibintu vyose bitera intuntu n’imibabaro vyasesereje abantu bizoba vyakuweho. Ivyo turavyemera tudakekeranya kubera ko Imana ubwayo isezerana iti: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha. . . . Aya majambo [ni] ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.”Ivyahishuwe 21:5.