Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 NIWIGANE UKWIZERA KWABO

‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’

‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’

IMVURA iguma icuncubuka, Nowa n’umuryango wiwe na bo aho bari bakaguma biyegeraniriza hamwe bitunye. Mera nk’uwubabona aho hantu hatabona neza, bamurikiwe n’umuco w’ikoroboyi uguma uhungabana, badakubita urugohe, bumviriza ingene imvura ikubita hejuru ku bwato no ku mpande zabwo. Emwe, urwamo rutegerezwa kuba ari rwinshi!

Nowa aritegereza abagize umuryango wiwe yikundira, ni ukuvuga umukenyezi wiwe w’umwizigirwa n’abahungu biwe batatu b’intahemuka be n’abakenyezi babo, akumva umutima wiwe wuzuye ugukenguruka. Muri ico gihe kigoye, Nowa ashobora kuba yarahumurizwa no kuba ari kumwe n’abo yakunda cane. Bose baradora. Nta gukeka ko yaciye aja imbere umuryango wiwe agatura isengesho ryo gukenguruka, akaduza ijwi kugira ngo bashobore kumwumva naho urwamo rwari rwinshi.

Nowa yari afise ukwizera gukomeye. Ukwizera kwiwe ni kwo kwatumye Imana yiwe Yehova imukingira, we n’umuryango wiwe. (Abaheburayo 11:7) None igihe imvura yatangura kugwa, boba batari bagikeneye ukwizera? Bari bagukeneye nyene, narirya imisi itoroshe yari ibarindiriye. Ni ko biri no kuri twebwe tubayeho muri ibi bihe bidurumbanye. Ku bw’ivyo, reka turabe ivyo dushobora kwigira ku kwizera kwa Nowa.

“IMISI MIRONGO INE N’AMAJORO MIRONGO INE”

Hanze imvura yabandanije kugwa “imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine.” (Itanguriro 7:4, 11, 12) Amazi yaguma aduga, aduga, yongera aduga. Uko yaduga, Nowa yarabona ko Imana yiwe Yehova yariko irakingira abagororotsi, muri ico gihe nyene igahana abanyakibi.

Isegenya ryarahagaritse ubugarariji bwari bwatanguye mu bamarayika. Abamarayika benshi barohejwe n’agatima k’ubwikunzi ka Shetani, barata “ahantu habo ho kuba hababereye” mw’ijuru baza kubana n’abagore, bavyarana na bo abana b’imvange bitwa Abanefilimu. (Yuda 6; Itanguriro 6:4) Nta gukeka ko Shetani yaryohewe cane n’ubwo bugarariji, kuko bwatuma abantu barushiriza kwononekara, kandi abantu ari bo biremwa vy’agahebuza mu bindi vyose Yehova yaremye kw’isi.

Ariko rero, uko amazi y’isegenya yongerekana, vyarabaye ngombwa ko nya bamarayika b’abagarariji biyambura imibiri y’inyama bakisubirira mu karere k’impwemu, bakaba batosubiye kwambara umubiri w’inyama. Abagore babo n’uruvyaro rwabo barabasize, bicwa n’amazi y’iryo segenya, cokimwe n’abandi bantu bo muri ico gihe.

Kuva mu gihe ca Henoki, hafi ibinjana indwi imbere y’igihe ca Nowa, Yehova yari yaraburiye abantu yuko yosanganguye abanyakibi batubaha Imana. (Itanguriro 5:24; Yuda 14, 15) Kuva ico gihe, abantu bagumye barushiriza kuba babi, baronona isi kandi bayuzuza ubukazi. Urwabo rwaza rwashika. None Nowa n’umuryango wiwe boba baranezerejwe n’ugusangangurwa kw’abo banyakibi?

Habe namba! N’Imana yabo y’inyembabazi ntivyayinezereje. (Ezekiyeli 33:11) Nta ko Yehova atari yarakoze kugira ngo abantu benshi bashoboka barokoke. Yari yarashinze Henoki igikorwa co kuburira abantu, yongera ategeka Nowa kwubaka ubwato. Nowa n’umuryango wiwe barakoze ico gikorwa amahanga camaze imyaka mirongo, bagikora abantu bose babona. Vyongeye, Yehova yategetse Nowa gukora igikorwa c’ “umwamamaji w’ubugororotsi.” (2 Petero 2:5) Cokimwe na Henoki uwabayeho imbere yiwe, Nowa yaraburiye  abantu ababwira ko Imana yari yimirije guhana isi. None bavyakiriye gute? Haciye igihe kitari gito, Yezu uwavyiboneye ari mw’ijuru, yaravuze ivy’abantu bo mu gihe ca Nowa ati: “Ntihagir[a] ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose.”—Matayo 24:39.

Iyumvire ukuntu ubuzima bwa Nowa n’umuryango wiwe butegerezwa kuba bwari bumeze mu misi 40 ya mbere Yehova amaze kwugara umuryango w’ubwato. Uko imvura y’isegenya yabandanya kugwa ku bwato uko bukeye uko bwije, hari ibikorwa abo bantu umunani bashobora kuba barakora buri musi, nko kwitwararika ivyo umwe wese akeneye, gutunganya aho baba, no kwitwararika ibikoko vyari kumwe na bo mu bwato. Ariko, harageze aho bumva ubwo bwato amahero butanguye kunyiganga no kuzungazunga. Amazi yari atanguye guterura nya bwato! Uko amazi yarushiriza kwongerekana, ni ko n’ubwato bwarushiriza kuduga gushika ‘bureremvye hejuru cane y’isi.’ (Itanguriro 7:17) Emwe, ico cari ikintu gikomeye cerekana ububasha bwa ya Mana Mushoboravyose Yehova!

Nowa ntiyakengurutse gusa kuba we n’umuryango wiwe barazigamwe, ariko kandi ategerezwa kuba yarakengurutse imbabazi za Yehova zatumye abakoresha mu kuburira abantu batinjiye mu bwato, bagahona. Muri iyo myaka bamaze bakora ico gikorwa kitoroshe wamengo bariko baruhira ubusa. Abantu ntibabinegwa na buhoro! Iyumvire iki kintu: Imbere y’uko Isegenya ritera, Nowa ashobora kuba yari afise benewabo, bashikiwe, abahungwabo, abakobwabo n’abishwa. Yamara, nta n’umwe yamwumvirije uretse abo mu muryango wiwe ushika. (Itanguriro 5:30) Igihe abo bantu umunani bari bibereye mu bwato ata nkomanzi, bitegerezwa kuba vyarabaremesha bibutse umwanya wose bamaze bariko barafasha abantu ngo barokoke.

Yehova ntiyigeze ahinduka. (Malaki 3:6) Yezu Kristu yasiguye yuko igihe turimwo gisa cane n’ “imisi ya Nowa.” (Matayo 24:37) Tubayeho mu gihe kidasanzwe kirangwa n’imidurumbanyo ikomeye, kizorangira igihe iyi isi mbi izotikizwa. Muri iki gihe, abasavyi b’Imana na bo nyene bariko barashikiriza imburi abantu bose bipfuza kuyumva. Woba uzokwumvira iyo mburi? Nimba waramaze kwemera ubwo butumwa burokora, woba na we uzobubwira abandi? Nowa n’umuryango wiwe baradusigiye akarorero twese.

 ‘BARAKIJIJWE BICIYE MU MAZI’

Uko ubwato bwaguma butwarwa n’ayo mazi yaguma aduga, abari muri bwo barumva ingene ibiti amahero vy’ubwo bwato biguma binihagira. Nowa yoba yarahagaritswe umutima n’imipfunda ikomeye canke agatinya ko ubwato buhava busambuka? Oya namba. Abantu batagira ukwizera bo muri iki gihe boshobora kugira ayo makenga, ariko Nowa we yari afise ukwizera. Bibiliya ivuga iti: ‘Kubera ukwizera, Nowa yarubatse ubwato.’ (Abaheburayo 11:7) Yizera iki? Yehova yari yarasezeraniye icese Nowa yuko mu gihe c’Umwuzure yomuzigamye n’abo bari kumwe bose. (Itanguriro 6:18, 19) None uwaremye ijuru n’isi be n’ibifise ubuzima vyose biri kuri yo, ntiyari ashoboye gutuma ubwo bwato butagira ingorane? Cane nyene! Nowa yari afise imvo zumvikana zo kwizigira ko Yehova yoshikije ivyo yasezeranye. Kandi koko, we n’umuryango wiwe ‘barakijijwe biciye mu mazi.’—1 Petero 3:20.

Haciye imisi 40 n’amajoro 40, imvura yarahise. Twisunze ikirangamisi c’ubu, hari nko muri Kigarama 2370 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”). Ariko rero, ntihari bwagere ko abari muri ubwo bwato babuvamwo. Ubwo bwato bwari bwuzuye ibinyabuzima bwagumye bureremba kuri ayo mazi yari yacitse ikiyaga gikwiye isi yose, buri hejuru cane gusumba mbere n’imisozi. (Itanguriro 7:19, 20) Turashobora kwiyumvira Nowa ariko aratunganya ibikorwa bigoye kuruta ibindi kugira ngo we n’abahungu biwe Shemu, Hamu na Yafeti, bagaburire ibikoko vyose bongere barabe ko biguma bisukuye, bifise amagara meza. Vyongeye, birumvikana ko ya Mana nyene yatuma ivyo bikoko bikaze bitekereza bikinjira mu bwato, yashoboye no gutuma biguma bitekereje mu kiringo c’Isegenya. *

Biboneka ko Nowa yitwararitse kuza arandika ivyagiye biraba igihe bari mu bwato. Ivyo yanditse biravuga igihe imvura yatanguriye n’igihe yahitiyeko. Biravuga kandi yuko isi yamaze imisi 150 irengewe n’amazi. Amazi yaratevye atangura kugabanuka. Umusi uri izina, nya bwato bwarahagaze bukebuke ku “misozi ya Ararati,” muri Tirkiya ya kino gihe. Ivyo vyabaye muri Ndamukiza 2369 B.G.C. Haciye imisi 73, muri Ruheshi, ni ho amasonga y’imisozi yatangura kuboneka. Haciye amezi atatu, muri Nyakanga, Nowa yaciye akurako igice gitoya c’ivyari bisakaye ubwato. Nta nkeka ko ico gikorwa kitoroshe yakoze cagize ico gifashije, kuko catumye umuco n’akayaga vyinjira mu bwato. Imbere y’aho, Nowa yari yatanguye no kuraba ko isi imeze neza ku buryo abantu boyibako. Yararungitse igikona, kikaza kiragenda congera kigaruka, kumbure kikaba caruhukira hejuru ku bwato imbere yo gusubira kuguruka. Mu nyuma Nowa yarungitse inuma, ino ikaba yaragenda hanyuma ikagaruka aho ari mu bwato, gushika ironse aho iruhukira.—Itanguriro 7:24–8:13.

Nta gukeka ko Nowa yahagarikiye umuryango wiwe mu vyo gusenga mbere no mu bihe bigoye cane

Mu bikorwa vya misi yose Nowa yakora, nta gukeka ko yashira imbere ivy’Imana. Turashobora kubona mu bwenge ingene umuryango wa Nowa wama ukoranira hamwe kugira ngo usenge wongere uyage ivyerekeye Se wabo wo mw’ijuru yabakingira. Nowa yama yisunga Yehova mu ngingo zihambaye zose yafata. N’igihe Nowa yabona ko isi yari “yumye,” hakaba hari haheze umwaka urenga bari mu bwato, ntiyigeze yugurura umuryango w’ubwo bwato ngo basohoke. (Itanguriro 8:14) Yararindiriye ko Yehova agira ico amubwiye!

Ba serugo bo muri iki gihe barashobora kwigira vyinshi kuri uwo mugabo w’umwizigirwa. Yari umuntu w’umunyarutonde, umunyamwete, yihangana, kandi akingira abo ajejwe bose. Ariko igihambaye kuruta, ivyo Yehova Imana agomba ni vyo yashira imbere y’ibindi vyose. Nitwigana ukwizera kwa Nowa muri iyo mice, bizotuma abacu bose bahungukira.

“SOHOKA UVE MU BWATO”

Yehova yaratevye araha itegeko Nowa ati: “Sohoka uve mu bwato, wewe n’umugore wawe n’abahungu bawe n’abagore b’abahungu bawe kumwe nawe.” Baragamburutse, barasohoka, hanyuma ibikoko vyose bica birakurikira. None vyasohotse gute? Vyoba vyasohotse mu kajagari? Habe namba! Iyo nkuru ivuga iti: “Nk’uko imiryango yavyo iri birasohoka biva mu bwato.” (Itanguriro 8:15-19) Nowa n’umuryango wiwe bamaze kugera hanze bagahumeka akayaga ko muri iyo misozi, bakaraba akarere k’imisozi ya Ararati, basanze isi yahumanuwe. Ba Banefilimu, ba bamarayika b’abagarariji, na ba bantu babi bose bo muri ico gihe bari bavuyeho, tutibagiye na bwa bukazi! * Abantu  bari baronse akaryo ko gutangura ubuzima bushasha.

Nowa yari azi ico yari akwiye gukora. Yahereye ku bijanye no gusenga. Yaciye yubaka igicaniro, afata bimwe mu bitungwa bidahumanye ku Mana yari yinjije mu bwato ari “indwindwi,” abishikanira Yehova bwa kimazi giturirwa. (Itanguriro 7:2; 8:20) None Yehova yoba yarashimye ico kintu?

Bibiliya ivyishura muri aya majambo ahumuriza agira ati: “Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura.” Imana ibonye uwo muryango w’abantu b’abizigirwa bayisenga bari biyemeje gukora ivyo igomba, umubabaro yari yaragize igihe abantu buzuza isi ubukazi wasubiriwe n’akanyamuneza, yumva iraruhuriwe mu mutima. Yehova ntiyari yiteze ko baba abantu batunganye. Uwo murongo nyene ubandanya uti: “Impengamiro y’umutima w’umuntu [ni] mbi guhera mu buto bwiwe.” (Itanguriro 8:21) Raba ukundi kuntu Yehova yagaragarije umuryango w’abantu ukwihangana n’impuhwe.

Imana yarakuye umuvumo ku butaka. Igihe Adamu na Eva bagarariza, Imana yaravumye ubutaka, bituma butimbuka. Lameki se wa Nowa, yise uwo muhungu wiwe izina Nowa, irishobora kuba risobanura ngo “Akaruhuko,” canke “Uruhoza,” avuga yuko biciye kuri uwo muhungu wiwe abantu boruhuriwe mu gukurwako uwo muvumo. Nowa ategerezwa kuba yaranezerewe igihe yamenya yuko agiye kubona iranguka ry’ubwo buhanuzi, yuko abantu borimye isi na yo ikabakundira. Ntibitangaje rero kubona Nowa yaciye atangura uburimyi!—Itanguriro 3:17, 18; 5:28, 29; 9:20.

Nowa n’umuryango wiwe bavuye mu bwato, bashikiye kw’isi ihumanuwe

Muri ico gihe nyene, Yehova yarahaye abakomoka kuri Nowa bose amategeko amwamwe yoroshe kandi atomoye yo kubayobora mu buzima, muri yo hakaba harimwo ayababuza kwica no gukoresha amaraso mu buryo butari bwo. Imana kandi yaragiranye isezerano n’abantu, yuko itwokwigeze isubira guhonya ibinyabuzima vyo kw’isi ikoresheje isegenya. Kugira ngo Yehova yerekane ko iryo sezerano ari iryo kwizigirwa, yaciye yereka abantu ari ryo rya mbere ikintu c’agatangaza kiboneka mu kirere, na co kikaba ari umunywamazi. Gushika n’ubu, igihe cose tubonye umunywamazi duca twibuka iryo sezerano rihumuriza Yehova yatanze riranga urukundo.—Itanguriro 9:1-17.

Iyaba inkuru yerekeye Nowa ari umugani, yari guca irangirana n’uwo munywamazi. Ariko rero Nowa yarabayeho koko, kandi yarahuye n’ibintu bitoroshe mu buzima. Kubera yuko ico gihe abantu baramba cane, vyarabaye ngombwa ko uwo mugabo w’umwizigirwa amara yindi myaka 350 yihanganira ibintu bitera intuntu. Yarakoze ikosa rikomeye igihe yanywa umuvinyu akaborerwa. Iryo kosa ryariyongeyeko irindi igihe umwuzukuru wiwe Kanani yakora igicumuro gikomeye kuruta ico, icakwegeye ingorane umuryango wa Kanani. Nowa yararamvye gushika no mu gihe ca Nimurodi, aho yabonye abamukomokako bakora ibibi, nk’ubukazi no gusenga ibigirwamana. Ariko ku rundi ruhande, Nowa yarashoboye kubona umuhungu wiwe Shemu abera umuryango wiwe akarorero keza mu bijanye n’ukwizera.—Itanguriro 9:21-28; 10:8-11; 11:1-11.

Nk’ukwo kwa Nowa, na twebwe turakeneye kugendera mu kwizera twihanganye. Igihe abandi bantu batisunga Imana y’ukuri canke mbere bahevye kuyikorera, turakeneye kwumira kw’ibanga nka Nowa. Yehova araha agaciro cane ukwihangana nk’ukwo kurangwa ukwizera. Nk’uko Yezu Kristu yabivuze, “uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”—Matayo 24:13.

^ par. 17 Hari abiyumvira yuko Imana ishobora kuba yaratumye ivyo bikoko bimera nk’ibisinzira itiro rirerire, nk’uko bihora biba ku bikoko bimwebimwe, bigatuma bidakenera cane ivyo birya. Uko Imana yoba yarabigenjeje kwose, yarashikije neza ivyo yasezeranye mu gukingira no mu kurokora ivyari mu bwato vyose.

^ par. 22 Na rya tongo rya Edeni ryarazimanganye, rikaba kumbure ryazimanganijwe n’amazi y’isegenya. Nimba ari ukwo vyagenze, ba bakerubi bari bacunze ubwinjiriro bwaryo barashoboye guca basubira mw’ijuru, kuko igikorwa bari bamaze imyaka 1600 bakora cari kirangiye.—Itanguriro 3:22-24.