Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wokwizigira idini ku vyerekeye ingeso nziza?

Woba wokwizigira idini ku vyerekeye ingeso nziza?

Uwitwa Sylvia, akaba akora ivyo kwitwararika amagara y’abageze mu zabukuru, avuga ati: “Abatari bake twiganye kw’ishure wasanga bavuga ko basenga. Ariko nticabuza ko biba inyishu mu gihe c’ibibazo, bakanywa n’ibiyayuramutwe. Idini nta co ryahindura ku buzima bwabo.”

Umugabo yitwa Lionel avuga ati: “Abo dukorana barabesha kandi bakavuga ngo bararwaye kandi atari vyo. Kuri bo, idini rimeze nk’ikintu batunze mu nzu mugabo badakoresha, kikigumira aho nk’igisharizo gusa.”

Amadini nta bubasha agira ku buzima bw’abantu benshi ngo bitume bahindura ukuntu bigenza. Muri iki gihe, abatari bake usanga bafise “ishusho y’ukwihebera Imana” mugabo “bakihakana ububasha bwakwo.” (2 Timoteyo 3:5) Indongozi zo mu madini barimwo ntizibaha akarorero keza, eka kandi ntizibaha impanuro zibereye zishingiye kuri Bibiliya zobafasha kwigenza neza. Ntibitangaje kubona benshi biyumvira ko Imana ititaho ukuntu bigenza.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya yerekana ko Imana ishobora kunezerwa canke ikababara be n’uko ukuntu twigenza bihambaye cane kuri yo. Igihe Abisirayeli ba kera bayigarariza, ‘vyarayibabaza.’ (Zaburi 78:40) Ariko rero, iyo umuntu ahevye ingeso mbi ata buryarya, haraba “akanyamuneza kenshi mw’ijuru.” (Luka 15:7) Igihe umuntu amenye akongera agashima kamere z’agahore za Data wa twese wo mw’ijuru, ararushiriza gukunda Imana, bikamuvyurira umutima wo gukunda ivyo ikunda no kwanka ivyo yanka.—Amosi 5:15.

IVYABONA VYA YEHOVA BOBA BABIKURIKIZA?

Ikinyamakuru kimwe c’i Salt Lake City, muri Utah, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika (Deseret News) kivuga giti: “Ivyabona vya Yehova barafasha abantu gukomeza ingo zabo, kuba abakozi b’abanyamwete n’abantu b’imvugakuri.” Congeyeko giti: “Mu bijanye n’inyifato runtu, bakurikiza ingingo ngenderwako zikomeye. Babona ko kunywa itabi, inzoga zirenze urugero n’ibiyayuramutwe, gukina akamari, ubuhumbu be n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina ari ingeso zonona ubucuti bafitaniye n’Imana.”

Indongozi z’amadini zoba zarafashije abantu gukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu?

None kumenya ivyerekeye kamere z’Imana bifasha iki Ivyabona vya Yehova? Umwe Sylvia twavuga, agira ati: “Mu kazi ko kwitwararika amagara y’abantu usanga ikinyoma ciraye. Biroroshe cane ko umuntu akurikira agakuku. Ariko gutahura ingene Yehova * abona ikinyoma biramfasha gukora ikibereye. Ndahimbawe kandi ndafise amahoro mu mutima.” Sylvia yarajijutse yuko kubaho yisunga ivyo yemera mu vy’idini vyatumye arushiriza kubaho neza.

^ ing. 9 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.