Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Vyoba bishoboka ko ushima uko ivyawe vyifashe?

Vyoba bishoboka ko ushima uko ivyawe vyifashe?

Vyoba bishoboka ko ushima uko ivyawe vyifashe?

“Gushima uko ivyawe vyifashe bituma uba umutunzi wari umworo, kudashima uko ivyawe vyifashe na vyo bigatuma uba umworo wari umutunzi.”​—Vyavuzwe na Benjamin Franklin.

NK’UKO uwo mwibutsa uvyerekana, abantu benshi bariboneye ko gushima uko ivyabo vyifashe atari ikintu umuntu yogura nka kurya kw’ibidandazwa. Ntibitangaje rero kubona ugushima uko ivyacu vyifashe, ari kwo kwumva dushize akanyota, bisa n’ibiri kure nk’ukwezi muri iyi si iremesha abantu kwipfuza amatungo yiyongereye, bakipfuza gushika ku bintu biruta ivyo bamaze gushikako canke kugira ubuzima nk’ubwo abandi bafise! Hoba hari na kimwe muri ibi coba carakugizeko akosho?

• Abahayagiza ibidandazwa baragucucagira ivyiyumviro vy’uko ngo uguze ico utararonka ari ho gusa woca wumva ushize akanyota.

• Ku kazi canke kw’ishure, agatima ko guhiganwa kakuremesha kubona agaciro ufise wisunze ivyo abandi bashoboye gushikako.

• Abantu ntibakenguruka ivyo ubakorera.

• Abagenzi batuma unohokera ivyo bafise.

• Ibibazo nyamukuru ufise ku bijanye n’ubuzima nturabironkera inyishu.

Uravye ibintu nk’ivyo bitoroshe duhura na vyo, vyoba vy’ukuri bishoboka ko umuntu ashima uko ivyiwe vyifashe? Intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’“[aka]banga” gafasha umuntu gushima uko ivyiwe vyifashe. Mu bihe bimwebimwe yari yarabayeho afise umurengera, mu bindi bihe abaho afise bike. Abagenzi baramushima cane, ariko abandi bantu bakamutwengera mw’ijigo. Yamara, yavuze yuko ‘yize kubumbwa n’ivyo afise uko ari kwose.’​—Abafilipi 4:11, 12, Bibiliya Yera.

Ku bataratera intambwe zobafasha gushima uko ivyabo vyifashe, usanga ico kintu ari umugani, mugabo nk’uko Paulo yabivuze, umuntu arashobora kuvyiga. Tukuremesheje rero kurimbura ibintu bitanu dusanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya vyogufasha gushima uko ivyawe vyifashe.