Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ba banditsi barwanya Yezu bari bande?

Mu kiringo c’ubusuku bwa Yezu, ntiyahuriye n’abanditsi i Yeruzalemu gusa, ariko kandi barahuriye no mu bisagara bitobito be no mu bigwati. Inyuma y’igisagara ca Yeruzalemu, eka mbere no mu turere twabamwo Abayuda inyuma y’igihugu ca Palesitina, mwene abo bantu wasanga ari abategetsi batobato bize cane ivya rya Tegeko, bano bakaba bashobora kuba bakora ari abimuzi canke ari abacamanza mu karere iwabo.​—Mariko 2:6; 9:14; Luka 5:17-21.

I Yeruzalemu, abanditsi wasanga bakorana cane n’intwaro y’Abayuda. (Matayo 16:21) Inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The Anchor Bible Dictionary) ivuga ko uruhara bari bafise ng’aho “rusa n’aho rwari urwo kuba abanamarimwe b’abaherezi, haba mu vyo gukurikirana imanza no gutsimbataza imigenzo y’Abayuda be n’itegeko ryabo, hamwe no mu vyo kubandanya ibikorwa vy’Inama Nkuru.” Kubera yuko bari abigisha ba rurangiranwa ba rya Tegeko, bamwebamwe muri abo banditsi bari vy’ukuri mu bagize ya Nama Nkuru, ari yo sentare nkuru y’Abayuda. Barakorana n’abaherezi bakuru be n’Abafarizayo.

Akenshi cane, abanditsi badondorwa ko batavuga rumwe na Yezu mu vy’Imana. Ariko rero, bamwebamwe ntibamurwanije. Nk’akarorero, umwanditsi umwe yabariye Yezu ati: “Nzogukurikira iyo uzoja hose.” Yezu yabariye uwundi ati: “Nturi kure y’ubwami bw’Imana.”​—Matayo 8:19; Mariko 12:28-34.

Igihe umuntu arobanujwe amavuta vyaba bisobanura iki?

Mu bihe vya Bibiliya, ugusuka amavuta umuntu ku mutwe mu bihugu vy’Abarabu cari ikimenyetso c’uko uwo muntu atoneshejwe cane canke kikaba ikintu co kugaragariza umushitsi ubwakiranyi. Akenshi, amavuta yakoreshwa yari amavuta y’umwelayo yaba yongewemwo ibimoga neza. Abaheburayo na bo nyene barasuka amavuta ku mutwe w’umuntu, canke bakamurobanura, igihe yaba agenywe ngo abe mu kibanza c’ubutegetsi kidasanzwe. Nk’akarorero, Aroni yararobanujwe amavuta igihe yagenwa ngo abe umuherezi mukuru. (Abalewi 8:12) Ku bijanye n’Umwami Dawidi, ‘Samweli yaratoye ihembe ry’amavuta aramurobanura, Impwemu ya Yehova ica itangura gukorera kuri Dawidi kuva uyo musi.’​—1 Samweli 16:13, NW.

Mu rurimi rw’igiheburayo, ijambo rikoreshwa ku bijanye n’ukwo kurobanuza umuntu amavuta ni ma·shachʹ, rikaba ari ryo rikomokako ijambo ma·shiʹach ni ukuvuga Mesiya. Ijambo ry’ikigiriki rihuye n’iryo ni khriʹo, rikaba ari ryo rikomokako ijambo khri·stosʹ ni ukuvuga Kristu. Gutyo rero, yaba Aroni canke Dawidi, umwe wese arashobora kuvugwa ko ari mesiya canke uwarobanuwe. Musa na we nyene yitwa kristu canke uwarobanuwe, kubera yuko Imana yamugenye kugira ngo abe uwuyiserukira.​—Abaheburayo 11:24-26.

Yezu w’i Nazareti ubwiwe yaragenywe n’Imana kugira ngo aje mu kibanza c’ubutegetsi bukomeye. Aho kurobanuzwa amavuta nya mavuta, Yezu yarobanujwe impwemu nyeranda y’Imana. (Matayo 3:16) Kubera ko Yezu ari Uwarobanuwe na Yehova, birabereye ko yitwa Mesiya canke Kristu.​—Luka 4:18.