Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 8

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

Nugume ugamburuka ubuyobozi bwa Yehova

Nugume ugamburuka ubuyobozi bwa Yehova

“Jewe Yehova ndi umwe akuyobora.”YES. 48:17.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Iki kiganiro kiratwereka ingene Yehova ayobora abasavyi biwe muri iki gihe, be n’ivyiza bironkera iyo bamugamburukiye.

1. Tanga akarorero kerekana igituma dukeneye kuyoborwa na Yehova.

 DUFATE ko winjiye mu kibira maze ukazimirirayo. Uri mu kaga gakomeye kuko ushobora kuribwa n’ibikoko canke udukoko dutera indwara, ugaca mu vyatsi bibaba canke bihanda, canke ukikubita ku bitandara. Ese ingene wokenguruka uronse umuntu azi neza aho hantu, akagucisha ahatagira akaga! Iyi si tubayemwo imeze nk’ico kibira. Yuzuye ingeramizi zitubangamira canecane mu vy’impwemu. Ariko turafise Umurongozi mwiza ntangere, ari we Yehova. Araducisha ahatagira ingeramizi, akatuyobora atujana iyo turiko turaja, ni ukuvuga mw’isi nshasha aho tuzobaho ibihe bidahera.

2. Yehova atuyobora gute?

2 None Yehova atuyobora gute? Ahanini abicisha kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ariko rero, arakoresha n’abantu bamuserukira. Nk’akarorero, arakoresha «umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge» kugira aturonse ibifungurwa vy’impwemu bidufasha gufata ingingo nziza. (Mat. 24:45) Yehova kandi aratuyobora biciye ku bandi bagabo babishoboye. Nk’akarorero, abahagarikizi b’imizunguruko n’abakurambere bo mw’ishengero, baraturemesha bakongera bakatugira inama zodufasha mu bihe bitoroshe. Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova ariko aratuyobora mu buryo bwiza muri iyi misi ya nyuma itoroshe! Biradufasha kuguma dushimwa na we no kuguma tugendera mu nzira ijana mu buzima.

3. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

3 Naho ari ukwo, rimwe na rimwe vyoshobora kutugora kuyobokera Yehova, canecane iyo akoresheje abantu b’abanyagasembwa. Uti kubera iki? Kubera ko boshobora kuduha ubuyobozi tubona ko budahuye n’ivyo twipfuza. Canke na ho twoshobora kubona ko ubwo buyobozi butaranga ubukerebutsi, tugaca twiyumvira ko butavuye kuri Yehova. Mu bihe nk’ivyo, turakeneye canecane kwizigira ko Yehova ari we ariko arayobora abasavyi biwe, be n’uko kumuyobokera bivamwo ivyiza. Kugira ngo turushirize kuvyizigira, muri iki kiganiro tugiye kwihweza (1) ingene Yehova yayoboye abasavyi biwe mu bihe vya kera, (2) ingene ariko arabayobora muri iki gihe, (3) ingene kuguma tumuyobokera bitugirira akamaro.

Kuva mu bihe vya kera gushika n’ubu, Yehova yamye akoresha abantu bamuserukira kugira ngo ayobore abasavyi biwe (Raba ingingo ya 3)


INGENE YEHOVA YAYOBOYE IHANGA RYA ISIRAYELI

4-5. Yehova yerekanye gute ko yariko ayobora ihanga rya Isirayeli abicishije kuri Musa? (Raba ifoto yo ku gipfukisho.)

4 Yehova yaragenye Musa kugira ngo akure Abisirayeli mu Misiri. Yarahaye kandi Abisirayeli ikimenyamenya c’uko ari we yariko arabayobora abicishije kuri Musa. Nk’akarorero, yarabahaye inkingi y’igicu yabayobora ku murango, n’inkingi y’umuriro yabayobora mw’ijoro. (Kuv. 13:21) Musa yarakurikiye iyo nkingi, maze we n’Abisirayeli ibashikana ku kiyaga Gitukura. Abantu baratekewe n’ubwoba igihe babona ko ata saganirizo bagifise, kubera ko imbere yabo hari ikiyaga, inyuma na ho ingabo z’Abanyamisiri ziriko zirabakurikira. Baciye babona ko Musa yari yihenze kubona yari abacishije ku kiyaga Gitukura. Ariko ntiyari yihenze namba. Yehova ni we yari yakoresheje Musa kugira ngo abacishe ng’aho, kandi yabigize nkana. (Kuv. 14:2) Yehova yaciye abarokora mu buryo butangaje.—Kuv. 14:​26-28.

Musa yagumye yisunga inkingi y’igicu kugira ayobore abasavyi b’Imana abacishije mu bugaragwa (Raba ingingo ya 4-5)


5 Mu myaka 40 yakurikiye, Musa yagumye yisunga ya nkingi y’igicu, kugira ngo ayobore abasavyi b’Imana abacisha mu bugaragwa. a Vyarashika Yehova agashira iyo nkingi hejuru y’ihema rya Musa, aho Abisirayeli bose bashobora kuyibona. (Kuv. 33:​7, 9, 10) Yehova yaravugisha Musa ari muri ico gicu, na we agaca aja kumenyesha abantu ivyo Yehova yaba yamubwiye. (Zab. 99:7) Abisirayeli baribonera neza ko ari Yehova yariko arabayobora abicishije kuri Musa.

Musa n’uwamusubiriye, ari we Yosuwa (Raba ingingo ya  5, 7)


6. Abisirayeli babona gute ubuyobozi bwa Yehova? (Guharura 14:​2, 10, 11)

6 Ikibabaje, Abisirayeli benshi baranse kwemera ivyo bimenyamenya vyerekana neza ko Musa yaserukira Yehova. (Soma Guharura 14:​2, 10, 11.) Bararwanije Musa incuro zitari nke. Ivyo vyatumye abari bagize urwo runganwe batinjira mu Gihugu c’isezerano.—Guh. 14:30.

7. Tanga uburorero bw’abemeye kuyoborwa na Yehova. (Guharura 14:24) (Raba n’ifoto.)

7 Ariko rero, hariho Abisirayeli bayobokeye Yehova. Nk’akarorero Yehova yavuze ati: «Kalebu . . . [yagumye] ankurikira n’umutima wiwe wose.» (Soma Guharura 14:24.) Imana yarahezagiye Kalebu, mbere iramwemerera guhitamwo aho yipfuza kuba mu Gihugu c’isezerano. (Yos. 14:​12-14) Abo mu runganwe rwakurikiye, na bo nyene baratanze akarorero keza ko kuyobokera Yehova. Igihe Yosuwa yasubirira Musa mu kuyobora Abisirayeli, «baramwuba[she] cane ubuzima bwiwe bwose.» (Yos. 4:14) Ivyo vyatumye Yehova abashikana mu gihugu yari yarasezeranye.—Yos. 21:​43, 44.

8. Sigura ingene Yehova yayoboye abasavyi biwe mu gihe c’abami. (Raba n’ifoto.)

8 Haciye imyaka itari mike, Yehova yaragenye abacamanza ngo bayobore abasavyi biwe. Mu gihe c’abami na ho, Yehova yagenye abahanuzi ngo abe ari bo bayobora abasavyi biwe. Abami b’abizigirwa barumvira impanuro bahabwa n’abahanuzi. Nk’akarorero, umwami Dawidi yaremeye yicishije bugufi gukosorwa n’umuhanuzi Natani. (2 Sam. 12:​7, 13; 1 Ngo. 17:3, 4) Umwami Yehoshafati na we yarakurikije ubuyobozi yahawe n’umuhanuzi Yahaziyeli, yongera aremesha abantu bo mu Buyuda “kwizera abahanuzi b’Imana.” (2 Ngo. 20:​14, 15, 20) Igihe umwami Hezekiya yari mu bihe bitoroshe, yaciye yitura umuhanuzi Yesaya. (Yes. 37:​1-6) Igihe cose abami baba bemeye kuyoborwa na Yehova barahezagirwa, n’ihanga rya Isirayeli rigakingirwa. (2 Ngo. 20:​29, 30; 32:22) Vyaribonekeza neza ko Yehova yariko akoresha abo bahanuzi kugira ngo bayobore abasavyi biwe. Ariko rero, ico nticabujije ko abami batari bake be n’Abisirayeli benshi bagambararira abahanuzi ba Yehova.—Yer. 35:​12-15.

Umwami Hezekiya n’umuhanuzi Yesaya (Raba ingingo ya 8)


INGENE YEHOVA YAYOBOYE ABAKIRISU BO MU KINJANA CA MBERE

9. Ni bande Yehova yakoresheje mu kuyobora abakirisu bo mu kinjana ca mbere? (Raba n’ifoto.)

9 Mu kinjana ca mbere, Yehova yaratanguje ishengero ry’abakirisu. None yabayobora gute? Yaragenye Yezu ngo abe umutwe w’ishengero. (Ef. 5:23) Ariko rero Yezu ntiyayobora umwigishwa umwumwe ku giti ciwe. Yabayobora akoresheje intumwa n’abagabo b’inararibonye bari i Yeruzalemu. (Ivyak. 15:​1, 2) Vyongeye, haragenywe n’abakurambere kugira bayobore amashengero.—1 Tes. 5:12; Tito 1:5.

Intumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu (Raba ingingo ya 9)


10. (a) Abakirisu benshi bo mu kinjana ca mbere bakiriye gute ubuyobozi bahabwa? (Ivyakozwe 15:​30, 31) (b) Kubera iki mu bihe vya kera hari bamwebamwe barwanije abo Yehova yagenye ngo bamuserukire? (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Igituma hari abanse kwemera ibimenyamenya bitomoye.»)

10 None abakirisu bo mu kinjana ca mbere bakiriye gute ubwo buyobozi bahabwa? Abenshi barabukurikiza bahimbawe. Nkako «baranezerwa kubera . . . indemesho» bahabwa. (Soma Ivyakozwe 15:​30, 31.) None muri iki gihe Yehova ayobora abasavyi biwe gute?

INGENE YEHOVA AYOBORA ABASAVYI BIWE MURI IKI GIHE

11. Tanga akarorero kerekana ingene mu bihe vya none Yehova yagiye arayobora abaja imbere abandi.

11 Yehova aracabandanya kuyobora abasavyi biwe muri iki gihe. Abigira biciye kw’Ijambo ryiwe no ku Mwana wiwe, we mutwe w’ishengero. Twoba tubona ibimenyamenya vyerekana ko yabandanije gukoresha abantu bamuserukira? Ego cane. Raba nk’akarorero ivyabaye inyuma y’umwaka wa 1870. Charles Taze Russell be n’abo bakorana, baratanguye gutahura ko umwaka wa 1914 wobaye umwaka udasanzwe, aho Ubwami bw’Imana bwotanguye kuganza. (Dan. 4:​25, 26) Bashitse kuri ico ciyumviro bisunze ubuhanuzi buvugwa muri Bibiliya. Yehova yoba yariko arabayobora muri ubwo bushakashatsi bariko baragira? Neza cane. Ibintu vyabaye kw’isi mu 1914 vyarerekanye ko Ubwami bw’Imana bwari bwatanguye kuganza. Ico gihe haradutse Intambara ya mbere y’isi yose, ikurikirwa n’indwara z’ibiza, vya nyamugigima be n’inzara. (Luka 21:​10, 11) Mu vy’ukuri, Yehova yariko arakoresha abo bagabo b’inziraburyarya kugira ngo ayobore abasavyi biwe.

12-13. Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, ni ibintu ibihe vyatunganijwe mu ntumbero yo guteza imbere igikorwa co kwamamaza no kwigisha?

12 Zirikana no ku vyabaye mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose. Abavukanyi bo ku cicaro gikuru bari bayoboye igikorwa, bamaze gusuzuma ibivugwa mu Vyahishuwe 17:​8, baratahuye ko iyo ntambara itoshikanye isi kuri Harumagedoni, ahubwo ko inyuma yayo hobaye ikiringo c’amahoro. Ivyo vyotumye haboneka uturyo two guteza imbere igikorwa co kwamamaza. Naho vyasa n’ibitaranga ubukerebutsi, ishirahamwe rya Yehova ryaratanguje Ishure rya Gileyadi, kugira ngo rimenyereze abamisiyonari bogiye kwamamaza no kwigisha hirya no hino kw’si. Hari mbere n’abamisiyonari barungitswe iyo ntambara itarahera. Vyongeye, umushumba w’umwizigirwa yaratunganije Ishure rya gitewokarasi b kugira ngo rifashe abamamaji bose kuba abamamaji n’abigisha babishoboye. Izo ntunganyo zarateguye abasavyi b’Imana ku bw’ibindi bikorwa vyari bibaraririye.

13 Dusubije amaso inyuma, turabona neza ko Yehova yariko arayobora abasavyi biwe muri ico gihe kigoye. Kuva muri ico gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, abasavyi ba Yehova bo mu bihugu bitandukanye barakoze igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bafise amahoro n’umwidegemvyo ku rugero kanaka. Emwe, igikorwa carateye imbere koko!

14. Kubera iki twokwizigira ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova be n’abakurambere? (Ivyahishuwe 2:1) (Raba n’ifoto.)

14 Muri iki gihe, abagize Inama Nyobozi baracabandanya kugamburuka ivyo Kristu abasaba. Baritwararika guha abavukanyi ubuyobozi buhuje n’uko Yehova na Yezu babona ibintu. Baca babuha abahagarikizi b’imizunguruko be n’abakurambere, na bo bagaheza bakabushikiriza amashengero. c Abakurambere barobanuwe bari mu “kuboko kw’ukuryo” kwa Kristu. Ariko mu buryo bwagutse, ni ko bimeze no ku bandi bakurambere bose. (Soma Ivyahishuwe 2:1.) Ego ni ko, abo bakurambere ntibatunganye kandi barakora amakosa. Musa na Yosuwa vyarashitse na bo nyene barakora amakosa, eka n’intumwa ni ukwo. (Guh. 20:12; Yos. 9:​14, 15; Rom. 3:23) Naho ari ukwo, turibonera ko Kristu ari we ariko arayobora wa mushumba w’umwizigirwa be n’abakurambere, kandi azobandanya kubigenza gutyo «imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Mat. 28:20) Turi n’imvo zumvikana rero zo kwizigira ubwo buyobozi ariko araturonsa, biciye kuri abo bavukanyi batuja imbere.

Inama Nyobozi muri iki gihe (Raba ingingo ya 14)


KUGUMA DUKURIKIZA UBUYOBOZI BWA YEHOVA BIRATUGIRIRA AKAMARO

15-16. Ni icigwa ikihe ukura ku bakurikije ubuyobozi bwa Yehova?

15 Gukurikiza ubuyobozi bwa Yehova biratuma twironkera ivyiza mbere no muri iki gihe. Nk’akarorero, Andy na Robyn barakurikije impanuro yo kuguma boroheje ubuzima. (Mat. 6:​22, akajambo k’epfo.) Ivyo vyatumye bashobora kwitanga ku mashantiye y’ubwubatsi. Robyn avuga ati: «Vyarashika tukaba mu tuzu dutoduto, akenshi mbere tutagira n’igikoni. Nahavuye ngurisha ibikoresho vyinshi nakoresha mu gufotora, naho ari umwuga nakunda cane. Igihe nabigurisha narakoroye amosozi. Ariko cokimwe na Sara muka Aburahamu, nari niyemeje kuguma ndaba imbere, aho gushira umutima ku vyo nari mpevye.» (Heb. 11:15) None ni ivyiza ibihe bironkeye? Robyn avuga ati: «Turahimbawe cane kuba turiko turaha Yehova ivyacu vyose. Gukorera kw’ishantiye y’ubwubatsi bitubera imponjo y’ingene ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha.» Mu kumwunganira, Andy na we avuga ati: «Turahimbarwa no kubona turiko turashigikira Ubwami duherejeko.»

16 Ni ibindi vyiza ibihe twironkera iyo tugumye dukurikiza ubuyobozi bwa Yehova? Marcia amaze guheza amashure yisumbuye, yaripfuza cane gukurikiza impanuro yahawe yo gukora ubutsimvyi. (Mat. 6:33; Rom. 12:11) Avuga ati: «Nari nemerewe kwiga imyaka ine muri kaminuza ata co ndiha. Ariko nipfuza kurushiriza gukorera Yehova. Naciye rero mpitamwo kwiga umwuga womfashije mu gikorwa c’ubutsimvyi. Ese ukuntu yari yo ngingo nziza kuruta izindi zose nari maze gufata. Ubu ndi umutsimvyi asanzwe kandi kubera ko urutonde rw’akazi runyorohereza, narashoboye gufasha kuri Beteli ndironkera n’utundi duteka tudasanzwe.»

17. Ni ibindi vyiza ibihe twironkera iyo tugumye dukurikiza ubuyobozi Yehova atanga? (Yesaya 48:​17, 18)

17 Rimwe na rimwe, turaronka impanuro zidufasha kwirinda guhahamira amaronko canke kuja mu bikorwa vyohava bituma turenga ku mategeko y’Imana. No muri ico gihe nyene, turironkera ivyiza igihe dukurikije ubuyobozi Yehova atanga. Tuguma dufise ijwi ryiza ryo mu mutima, kandi tukirinda ingorane zidakenewe. (1 Tim. 6:​9, 10) Ivyo bituma dukorera Yehova n’umutima wacu wose, maze tukironkera umunezero mwinshi n’amahoro.—Soma Yesaya 48:​17, 18.

18. Kubera iki wokwiyemeza kuguma ukurikiza ubuyobozi bwa Yehova?

18 Nta gukeka ko Yehova azobandanya gukoresha abantu bamuserukira kugira ngo aturonse ubuyobozi mu gihe ca ya makuba akomeye no mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. (Zab. 45:16) Twoba tuzokurikiza ubwo buyobozi n’igihe kubigira bizosaba ko duheba ivyo twikundira? Ahanini bizovana n’ukuntu dukurikiza ubuyobozi Yehova aduha muri iki gihe. Nimuze rero tugume dukurikiza ubuyobozi bwa Yehova, ushizemwo n’ubwo aturonsa biciye ku bagabo yagenye ngo batwitwararike. (Yes. 32:​1, 2; Heb. 13:17) Nitwabigira bizotuma turushiriza kwizigira Umurongozi wacu Yehova, we aducisha ahatagira ingeramizi zo mu vy’impwemu, akatuyobora atujana aho turiko turaja, ni ukuvuga mw’isi nshasha, aho tuzobaho ibihe bidahera.

WOKWISHURA GUTE?

  • Yehova yayoboye gute ihanga rya Isirayeli?

  • Yehova yayoboye gute abakirisu bo mu ntango?

  • Ni gute twungukira ku gukurikiza ubuyobozi Yehova aduha muri iki gihe?

URURIRIMBO RWA 48 Tugendane na Yehova buri musi

a Yehova kandi yaragenye umumarayika «[y]agendera imbere y’Abisirayeli», kugira abayobore gushika mu Gihugu c’isezerano. Biboneka ko uwo mumarayika yari Mikaheli, ni ukuvuga Yezu imbere y’uko aza kw’isi.—Kuv. 14:19; 32:34.

b Ubu iryo shure riri mu bigize Ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.

c Raba uruzitiro ruvuga ngo «Uruhara rw’Inama Nyobozi» mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 2021, rup. 18.