Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Inyuma y’ivuka rya Yezu, kubera iki Yozefu na Mariya bagumye i Betelehemu aho gusubira iwabo i Nazareti?

Bibiliya nta co ibivugako. Ariko rero iravuga ibintu bimwebimwe vyoshobora kudufasha kumenya igituma bataciye basubira i Nazareti.

Umumarayika yarabwiye Mariya ko yokwibungenze mu nyuma na ho akavyara. Igihe uwo mumarayika yabimubwira, Yozefu na Mariya baba i Nazareti, kikaba cari igisagara Yozefu yakuriyemwo c’i Galilaya. (Luka 1:26-31; 2:4) Haciye igihe, barasubiye i Nazareti bavuye mu Misiri. Aho ni ho Yezu yakuriye aca yitwa Umunyanazareti. (Mat. 2:19-23) Ni co gituma umuntu yumvise izina Yezu,Yozefu na Mariya, aca abona mu bwenge Nazareti.

Mariya yari afise incuti yitwa Elizabeti yaba i Yudaya. Elizabeti yari umugore w’umuherezi Zakariya, akaba ari na we yahavuye aba nyina wa Yohani Umubatizi. (Luka 1:5, 9, 13, 36) Mariya yari yarigeze kuja i Yudaya kuramutsa Elizabeti bamarana amezi atatu. Mu nyuma Mariya yarasubiye i Nazareti. (Luka 1:39, 40, 56) Hari ukuntu rero Mariya yari amenyereye akarere k’Ubuyuda.

Mu nyuma Yozefu yaragamburutse itegeko ryari ryaratanzwe ryo kuja “kwiyandikisha.” Yaciye ava i Nazareti aja i Betelehemu mu “gisagara ca Dawidi” ari na ho vyari vyaravuzwe ko Mesiya yovukiye. (Luka 2:3, 4; 1 Sam. 17:15; 20:6; Mika 5:2) Mariya amaze kwibarukira Yezu muri ico gisagara, Yozefu ntiyiteze ko Mariya afata urugendo rurerure rwo gusubira i Nazareti afise uruyoya. Bagumye i Betelehemu, hakaba hari nko ku bilometero icenda uvuye i Yeruzalemu. Gutyo vyoboroheye kujana urwo ruyoya ku rusengero no gutanga ishikanwa basabwa n’amategeko ya Musa.​—Lew. 12:2, 6-8; Luka 2:22-24.

Umumarayika w’Imana yari yarabwiye Mariya yuko umwana yovyaye yohawe “intebe y’ubwami ya .  . . Dawidi” be n’uko ‘yoganje ari umwami.’ Yozefu na Mariya bashobora kuba barahaye insobanuro ikomeye ico kintu c’uko Yezu yovukiye mu “gisagara ca Dawidi.” (Luka 1:32, 33; 2:11, 17) Bashobora kuba rero bariyumviriye ko vyoba vyiza babaye baragumyeyo mu kurindira ko Imana ibaha ubundi buyobozi.

Ntituzi igihe bari bamaze i Betelehemu igihe ba bantu baragurisha inyenyeri baza kubaraba. Ariko ico gihe, umuryango wa Mariya na Yozefu waba mu nzu, kandi uwo muhungu wabo ntiyari akiri uruyoya ahubwo yari “umwana mutoyi”. (Mat. 2:11) Biboneka ko aho gusubira i Nazareti, bashimye kuba barigumiye i Betelehemu hakababera nk’i muhira.

Herodi yategetse ko “abana bose b’abahungu b’i Betelehemu . . . kuva ku bafise imyaka ibiri kumanuka” bicwa. (Mat. 2:16) Kubera ko Yozefu na Mariya bari baronse imburi ku bijanye n’iryo tegeko, baciye bahungishiriza Yezu mu Misiri bagumayo gushika Herodi apfuye. Mu nyuma, Yozefu yaraduganye umuryango wiwe i Nazareti. Ni kubera iki none batasubiye i Betelehemu? Ivyo yabigize kugira yirinde umwami w’umubisha Arukelayo yari asigaye aganza i Yudaya mu kibanza ca se wiwe Herodi, no kugira ngo agamburuke imburi Imana yari yamuhaye yo kudasubirayo. Aho i Nazareti ni ho Yozefu yari kurerera Yezu ata nkomanzi, agakura ari umusavyi w’Imana w’ukuri.​—Mat. 2:19-22; 13:55; Luka 2:39, 52.

Biboneka ko Yozefu yapfuye imbere y’uko Yezu yugururira abantu inzira yo kuja mw’ijuru. Yozefu rero azozukira kuba kw’isi. Abenshi bazomubona maze abiganire amakuru y’ido n’ido avuga igituma we na Mariya bigumiye i Betelehemu inyuma y’ivuka rya Yezu.