Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Naho ntumva narigishije abandi ukuri

Naho ntumva narigishije abandi ukuri

Nabatijwe mu 1941 mfise imyaka 12. Ariko nagiye gutahura neza ukuri mu 1946. Uti none ivyo bishoboka gute? Reka ndabiganire ingene vyagenze.

MU 1910, abavyeyi banje barimukiye muri Kanada bavuye i Tbilisi muri Jeworojiya. Baciye baja kugerera mw’itongo ritoyi ryari hafi y’i Pelly muri Saskatchewan, mu burengero bwa Kanada. Navutse mu 1928, nkaba ndi umuhererezi mu bana batandatu. Dawe yapfuye hasigaye amezi atandatu ngo mvuke, mawe na we apfa nkiri akana gatoyi. Mushikanje mukuru Lucy, na we nyene yahavuye akurikira afise imyaka 17. Marume yaciye adutwara twese uko tuvukana kugira ngo atwitwararike.

Umusi umwe, igihe nari nciga gutambuka, abo muhira barambonye ndiko ndakwega umurizo w’impfizi y’ifarasi. Baciye basemerera bambuza, kuko batinya ko yohava intera umugere, mugabo nguma ndawukwega. Sinigeze numva ivyo bariko barambwira. Amahirwe nagize ni uko ata co nabaye. Kuva uwo musi baciye bamenya ko ndi nyamuragi.

Hari incuti yatanze iciyumviro c’uko bonjana mw’ishure ry’abatumva, marume aca aja kunyandikisha kw’ishure ryari i Saskatoon mu ntara ya Saskatchewan. Naragize ubwoba kubera ko iryo shure ryari kure cane y’i muhira, nanje nkaba nari mfise imyaka itanu gusa. Nataha mu biringo vy’imisi mikuru gusa no mu buruhuko bwo mu ci. Nahavuye menya ururimi rw’ibimenyetso, maze ndahimbarwa no kuza ndakina n’abandi bana.

INGENE NAMENYE UKURI

Mu 1939, mushikanje mukuru Marion yarubakanye na Bill Danylchuck, baca barantwara hamwe na mushikanje Frances kugira ngo batwitwararike. Mu muryango wacu, ni bo batanguye kuganira n’Ivyabona vya Yehova. Mu buruhuko bwo mu ci, barakoresha uburyo bwose bashoboye kugira ngo bambwire ivyo bariko bariga muri Bibiliya. Mvugishije ukuri, kuyaga na bo ntivyari vyoroshe, narirya batari bazi ururimi rw’ibimenyetso. Ariko barabona ko nakunda cane ivy’Imana. Kubera ko nabona yuko ivyo bariko barakora bifitaniye isano n’ivyo Bibiliya yigisha, naciye nza ndajana na bo kwamamaza. Bidatevye naripfuje kubatizwa. Ku wa 5 Nyakanga 1941, Bill yarambatije mu kigunguru cari cuzuye amazi yava mw’iriba rimwe. Ayo mazi mu gukanya, bwari ubugesera!

Ndi kumwe n’umugwi w’abaragi kw’ihwaniro ryabereye i Cleveland muri Ohio, mu 1946

Igihe nataha mu buruhuko bwo mu ci mu 1946, twaritavye ihwaniro ryabereye i Cleveland muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umusi wa mbere w’ihwaniro, bashikanje barakurakuranwa mu kunyandikira ivyaba biriko biravugwa. Ariko ku musi ugira kabiri, nararyohewe cane igihe namenya ko kuri iryo hwaniro hariho umugwi wakoresha ururimi rw’ibimenyetso hamwe n’uwaza arasobanura. Nari ngiye natahura rero ivyariko biravugwa, kandi bwabaye bwo bwa mbere ntahura neza ukuri kwo muri Bibiliya!

INGENE NIGISHIJE UKURI

Ico gihe, Intambara ya kabiri y’isi yose ni ho yari ikirangira, kandi agatima ko kwishimira igihugu kariko karatsimbatara mu bantu. Navuye muri iryo hwaniro niyemeje ko kw’ishure nzoguma nshikamye ku kwizera kwanje. Naciye mfata ingingo yo kudasubira kuramutsa ibendera no kuririmba ururirimbo rw’igihugu. Vyongeye, narahagaritse ivyo guhimbaza imisi mikuru be no kuja mu misa. Abarezi vyarabababaje, baca bagerageza kuntera ubwoba no kumbeshera kugira ngo bangondoze. Naho ivyo vyateye uruhagarara mu banyeshure, vyaratumye ndonka uturyo two gushinga intahe. Abo twigana bamwebamwe, nka Larry Androsoff, Norman Dittrick na Emil Schneider, bahavuye bemera ukuri, kandi n’ubu baracakorera Yehova badahemuka.

Igihe naba ngiye gutembera mu bindi bisagara, nama nishingira umugambi wo kubwira inkuru nziza abatumva. Nk’akarorero, naragiye i Montréal mu kigo c’abatumva, ndabwira inkuru nziza umusore umwe yitwa Eddie Taeger yari mu gashirahamwe k’abatumva. Yarifatanije n’ishengero ry’ururimi rw’ibimenyetso i Laval muri Kebeke gushika mu mwaka uheze, aho yasandaba. Narayaze kandi n’umusore yitwa Juan Ardanez, yari ashashaye kugira ubushakashatsi nka kumwe kw’Abanyaberoya, kugira ngo yiyemeze ko ivyo yariko ariga muri Bibiliya vyari ukuri. (Ivyak. 17:10, 11) Na we nyene yarakiriye ukuri, akaba yarabaye umukurambere w’umwizigirwa i Ottawa muri Ontario gushika asandavye.

Nariko ndamamaza kw’ibarabara, mu ntango z’imyaka ya 1950

Mu 1950, narimukiye i Vancouver. Naho nakunda kubwira inkuru nziza abatumva, sinzokwigera nibagira umukenyezi umwe nabwiye inkuru nziza kw’ibarabara. Yitwa Chris Spicer kandi wewe yarumva. Yaremeye ko noza ndamurungikira ibinyamakuru, aca ansaba n’uko noja kuganira n’umugabo wiwe Gary. Nahavuye nja iwabo, kandi twaraganiriye birakomera dukoresheje uburyo bwo kuza turandika. Ariko rero haraciye imyaka itari mike tudasubiye kubonana. Umusi umwe turi kw’ihwaniro i Toronto muri Ontario, nagiye numva bandamutsa, kandi uwo musi nyene Gary yari mu babatizwa. Ico kintu caranyibukije ko dukwiye kuguma twamamaza kubera ko tutamenya uwuzokwakira ukuri canke igihe bizofata kugira atere imbere.

Mu nyuma, narasubiye kuba i Saskatoon. Umukenyezi umwe yaransavye ko nokwigisha Bibiliya abakobwa biwe b’amahasa Jeanne na Joan, bakaba biga kuri rya shure ry’abaragi nahoze nigako. Bidatevye, abo bakobwa bariganiye abanyeshure bagenzi babo ivyo bariko bariga. Erega batanu muri bo bahavuye baba Ivyabona vya Yehova! Umwe muri bo ni Eunice Colin. Twabonanye ari bwo bwa mbere igihe nari mu mwaka wa nyuma kuri iryo shure. Ico gihe yarampaye imbombo, mu nyuma ansaba ko twoba abagenzi. Uzi n’inkuru? Ni we yahavuye aba umukenyezi wanje!

Ndi kumwe na Eunice mu 1960 no mu 1989

Igihe nyina wiwe yamenya ko yariko yiga Bibiliya, yaciye asaba umuyobozi w’iryo shure ngo amubuze. Uwo muyobozi yarananyegeje ivyo Eunice yakoresha mu kwiga Bibiliya. Ariko Eunice yari yiyemeje kuguma ashira imbere Yehova. Igihe yipfuza kubatizwa, abavyeyi biwe bamubwiye bati: “Ukaramuka ubaye Icabona ca Yehova, uzoce umenya iyo uja!” Igihe yari afise imyaka 17, yahavuye ava iwabo maze umuryango umwe w’Ivyabona vya Yehova wo muri iyo micungararo uca uramwakira iwabo. Yarabandanije kwiga Bibiliya, mu nyuma arabatizwa. Igihe twubakana mu 1960, abavyeyi biwe ntibaje ku bugeni bwacu. Ariko rero haciye imyaka, bahavuye batwubahiriza kubera ivyo twemera be n’uburyo twarera abana bacu.

INGENE YEHOVA YANYITWARARITSE

Umuhungu wanje Nicholas n’umugore wiwe Deborah, bakorera kuri Beteli y’i Londres

Naho turi abaragi, dufise abahungu indwi bumva. Kubarera rwarabaye urugamba, mugabo twaritwararitse ko bamenya ururimi rw’ibimenyetso kugira ngo dushobore kuyaga na bo no kubigisha ukuri. Abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero baradufashije cane. Nk’akarorero, hari umuvyeyi yatwandikiye ku gapapuro atumenyesha ko umuhungu wacu ariko avuga amajambo atabereye mu Ngoro y’Ubwami. Ubwo nyene twaciye dutunganya ico kibazo. Abahungu bacu bane, ari bo James, Jerry, Nicholas na Steven, ni abasavyi ba Yehova b’abizigirwa hamwe n’abagore babo n’imiryango yabo. Bose uko ari bane ni abakurambere. Vyongeye, Nicholas n’umukenyezi wiwe Deborah bafasha mu guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso ku biro vy’ishami vyo mu Bwongereza. Steven n’umukenyezi wiwe Shannan na bo nyene bakora ico gikorwa kw’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abahungu banje James, Jerry na Steven be n’abakenyezi babo barashigikira mu buryo butandukanye igikorwa co kwamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso

Hasigaye ukwezi ngo dukwize imyaka 40 twubakanye, Eunice yarahitanywe na kanseri. Igihe yari arwaye, yaragaragaje umutima rugabo. Kuba yari yizigiye izuka, vyaratumye aguma ashikamye. Ndashashaye kumubona yazutse.

Faye na James; Jerry na Evelyn; Shannan na Steven

Muri Ruhuhuma mu 2012, naratemvye ndavunika mu kiyunguyungu, nca nkenera uwoza aramfasha. Umwe mu bahungu banje yaciye anjana iwe. Ubu turi mw’ishengero rya Calgary rikoresha ururimi rw’ibimenyetso, kandi ndacari umukurambere. Emwe, bwabaye bwo bwa mbere nja mw’ishengero ry’ururimi rw’ibimenyetso! None ko kuva mu 1946 nari mw’ishengero ry’icongereza, nakomeza gute ukwizera kwanje muri iyo myaka yose? Emwe, Yehova yarashikije umuhango wiwe wo kwitwararika impfuvyi. (Zab. 10:14) Ndakengurukira cane abagize uko bashoboye kwose bakamfasha: uri abaza baranyandikira ku dupapuro, abamfashije kwiga ururimi rw’ibimenyetso, n’abagiye baransobanurira ivyavugwa.

Igihe nitaba ishure ry’abatsimvyi mu rurimi rw’ibimenyetso mfise imyaka 79

Mvugishije ukuri, harageze igihe numva umengo notana n’akabando kubera ko ntashobora gutahura ivyaba biriko biravugwa canke kubera ko nabona umenga abaragi nta wubitaho. Ariko igihe ibintu vyaba vyifashe gutyo, naca nibuka amajambo Petero yabwiye Yezu ati: “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.” (Yoh. 6:66-68) Narize kwihangana, cokimwe n’abandi bavukanyi b’abaragi bo mu runganwe rwanje. Narize kurindira Yehova n’ishirahamwe ryiwe, kandi ivyo vyaramfashije cane! Ubu ibifungurwa vy’impwemu mu rurimi rw’ibimenyetso ni umukimba, kandi ndaryoherwa no kwifatanya n’abandi ku makoraniro no ku mahwaniro yo mu rurimi rw’ibimenyetso. Emwe, gukorera Yehova ya Mana ihambaye vyaratumye nironkera agahimbare n’imihezagiro myinshi!