Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kugamburuka amabwirizwa y’Imana birashobora gutuma duhimbarwa vy’ukuri

Imihezagiro abagamburukira Imana baronka

Imihezagiro abagamburukira Imana baronka

Intumwa y’Imana Musa yavuze ko Imana izoduhezagira nitwagamburuka amabwirizwa yayo. (Gusubira mu vyagezwe 10:13; 11:27) Ntitugamburukira Imana tubitumwe no gutinya ko yoduhana. Kamere nziza zayo ziratuma tuyigamburukira kubera ko tuyikunda kandi twipfuza kwirinda gukora ikintu cose coyibabaza. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo.”​—1 Yohani 5:3.

None tugamburukiye Imana iduhezagira gute? Rimbura ibi bintu bibiri.

1. KUGAMBURUKIRA IMANA BIRATUMA TUGIRA UBUKEREBUTSI

“Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, . . . agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.”​—YESAYA 48:17.

Yehova Imana, akaba n’umuremyi wacu, aratuzi kandi araturonsa impanuro dukeneye. Nimba twipfuza ko inyigisho ziwe zidufasha gufata ingingo zibereye, dutegerezwa kwiga Ivyanditswe Vyeranda kugira tumenye ivyo yipfuza ko dukora twongere tubishire mu ngiro.

2. KUGAMBURUKIRA IMANA BIRATUMA DUHIMBARWA

“Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”​—LUKA 11:28.

Muri iki gihe, abantu amamiliyoni bagamburuka Ijambo ry’Imana, barahimbawe vy’ukuri. Rimbura akarorero k’umugabo umwe wo muri Espanye yari afise ishavu ryinshi kandi agafata nabi abandi, ushizemwo n’umugore wiwe. Umusi umwe yarasomye mu vyanditswe vya Musa ibijanye n’ubwitonzi bwa Yozefu umuhungu wa Yakobo. Yozefu yaragurishijwe aja kuba umushumba yongera arapfungwa azira ubusa. Naho ari ukwo, yagumye ari umuntu yitonda, w’umunyamahoro kandi ababarira abandi. (Itanguriro, ikigabane ca 37-45) Uwo mugabo wo muri Espanye avuga ati: “Kuzirikana ku karorero ka Yozefu vyaratumye ngerageza kuba umuntu yitonda, yigumya kandi afise umutima mwiza. Ico vyavuyemwo, ni uko ubu mbayeho mpimbawe.”

Ivyanditswe Vyeranda biraduha n’izindi mpanuro z’ingene dukwiye gufata abandi. Turazica irya n’ino mu kiganiro gikurikira.