Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki dusaza hanyuma tugapfa?

Kubera iki dusaza hanyuma tugapfa?

IMANA ntiyari ifise umugambi w’uko abantu bapfa. Abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva baremwe batunganye mu bwenge no ku mubiri. N’ubu baba bakiriho. Ivyo bibonekera ku vyo Yehova yabwiye Adamu ku bijanye n’igiti cari mu murima wa Edeni.

Imana yabwiye Adamu iti: “Umusi [wariye kuri ico giti] uzopfa ata kabuza.” (Itanguriro 2:17) Iyo Imana irema Adamu kugira ngo asaze hanyuma apfe, iyo ngabisho nta co yari kuba ivuze. Adamu yari azi yuko atariye kuri ico giti atopfuye.

IMANA NTIYARI IFISE UMUGAMBI W’UKO ABANTU BAPFA

Kugira Adamu na Eva babeho ntibari bakeneye kurya kuri ico giti, kuko uwo murima warimwo ibiti vyinshi vy’ivyamwa. (Itanguriro 2:9) Iyo batarya kuri ico giti, bari kuba berekanye ko bagamburukira uwari yarabahaye ubuzima. Bari kuba kandi berekanye ko batahura yuko Imana ari yo ifise uburenganzira bwo kubabwira ico bakwiye gukora.

ICATUMYE ADAMU NA EVA BAPFA

Kugira dutahure igituma Adamu na Eva bapfuye, turakwiye gusuzuma ikiyago catugizeko ingaruka twese. Shetani yarakoresheje inzoka kugira avuge ikinyoma c’ububisha. Bibiliya igira iti: “Inzoka ni yo yari igikoko ciyubara kuruta ibikoko vyose vyo mu gahinga Yehova Imana yari yararemye. Ibwira rero nya mugore iti: ‘Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima?’”​—Itanguriro 3:1.

Eva yishuye ati: “Ivyamwa vy’ibiti vyo mu murima turashobora kubiryako. Mugabo ku bijanye n’ukurya ku vyamwa vy’igiti kiri hagati na hagati mu murima, Imana yavuze iti: ‘Ntimuze mukiryeko, oya, ntimuze mugikoreko, kugira ntimupfe.’” Iyo nzoka yaciye imubwira iti: “Haba namba ntimuzopfa. Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.” Shetani rero yari avuze ko Yehova ari umubeshi kandi ko yimye abavyeyi bacu ba mbere ibintu vyiza.​—Itanguriro 3:2-5.

Eva yaciye aja na rwo. Yaritegereje ico giti abona ko kibereye ijisho be n’uko ari ico kwipfuzwa. Yaciye atuma ukuboko yamura ku vyamwa vyaco, atangura kurya. Bibiliya yongerako iti: “Inyuma y’aho, ahako n’umugabo wiwe igihe bari kumwe, na we ararya.”​—Itanguriro 3:6.

Imana yabwiye Adamu iti: “Umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.”​—ITANGURIRO 2:17

Ese ukuntu Imana itegerezwa kuba yarababaye cane ibonye abana bayo yikundira bayigambararira n’ibigirankana! None yaciye ikora iki? Yabwiye Adamu iti: “[Uzosubira] mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:17-19) Ivyo vyatumye “imisi yose Adamu yabayeho igera ku myaka amajana icenda na mirongo itatu, araheza arapfa.” (Itanguriro 5:5) Adamu ntiyaciye aja mw’ijuru canke ngo yimukire mu karere kanaka k’impwemu. Imbere y’uko Yehova amurema amukuye mu butaka, ntiyabaho. Igihe rero yapfa, yasubiye kuba nka wa mukungugu yakuwemwo. Ntiyari akibaho. Mbega ibara!

IGITUMA TUDATUNGANYE

Kubera Adamu na Eva bagambaraye n’ibigirankana, baratakaje ugutungana n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Umubiri wabo wahavuye wononekara, bacika abanyagasembwa n’abacumuzi. Ariko igicumuro bakoze si bo gusa cagizeko ingaruka. Bahavuye bakiraga n’abana babo. Mu Baroma 5:12 havuga ko ‘igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe ari we Adamu, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rukwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.’

Bibiliya ivuga ko igicumuro n’urupfu ari “igitwikiro gitwikiriye ibisata vyose vy’abantu, n’ikijishano kijishiwe ku mahanga yose.” (Yesaya 25:7) Ico gitwikiro kiratwikira abantu nk’igipfungu c’ubumara badashobora kuronka aho bahungira. Egome, “muri Adamu bose ba[ra]pfa.” (1 Abakorinto 15:22) Umuntu rero aca yibaza nka kumwe kw’intumwa Paulo, ati: “Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu?” Hari uwobishobora?​—Abaroma 7:24.