Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe urengewe n’ingorane

Igihe urengewe n’ingorane

UBUZIMA usanga buryoshe cane igihe vyose bigenda neza. Ariko ingorane zidushikira zoshobora gutuma ubuzima buturambira.

Nk’akarorero, uwitwa Sally * wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarabuze ivyiwe nka vyose bihitanywe n’igihuhusi. Avuga ati: “Nabona ko ntagishoboye kuvyihanganira. Naramaze imisi myinshi numva umengo noturika.”

Tuvuge iki ho igihe ubuze uwawe? Uwitwa Janice wo muri Ostraliya, avuga ati: “Igihe nabura abahungu banje babiri, numvise umengo ndajanjaguritse, bikaba bitanyoroheye gusubirana. Naratakambiye Imana nti: ‘Numva bindengeye! Pfuma ureka nipfire bihere biheze.’”

Uwitwa Daniel wewe yarakubiswe n’inkuba igihe umugore wiwe yamuhemukira. Avuga ati: “Igihe umugore wanje yambwira ko yampemukiye, wamengo bansogose imbugita mu mutima. Naragumanye ico gisebe amezi n’amezi.”

Muri uyu Munara w’Inderetsi turarimbura igituma kubaho biri n’ico bimaze, mbere n’igihe:

Reka tubanze turabe icodufasha igihe hateye icago c’icaduka.

^ Muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.