Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urashobora kumenya Imana

Urashobora kumenya Imana

Bibiliya igira iti: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Muri uwo murongo, ijambo ngo “cahumetswe” risobanura ko Imana Mushoboravyose yashize ivyiyumviro vyayo mu bwenge bw’abanditse Bibiliya.

Imana iragutera akamo ngo wige ibiyerekeye

“Jewe Yehova ndi . . . Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo. Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi, ubugororotsi bwawe na bwo nk’imipfunda y’ikiyaga.”​—YESAYA 48:17, 18.

Nubone ko ayo majambo ari akamo Imana igutera ku giti cawe. Ikwipfuriza kugira amahoro yo mu mutima n’agahimbare karamba, kandi irashobora kugufasha kubishikako.

Urashobora kumenya ivyerekeye Imana

“Mu mahanga yose inkuru nziza itegerezwa . . . kwamamazwa.”​—MARIKO 13:10.

Iyo “nkuru nziza” irimwo ivyo Yehova yasezeranye bijanye no gukuraho ingorane, gutuma isi icika Iparadizo no kuzura abacu bapfuye. Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza kw’isi yose ubwo butumwa bushingiye kuri Bibiliya.