Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Sloveniya

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberezwa neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose bobisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye, hari aho bitokunda ko tubakira. Kubera ko ikibanza ari gito, twakira abantu bakeyi gusa ku musi.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira abantu ntibarundane, vyoba vyiza mushitse hasigaye umwanya utarenga iminuta 10 ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Fyonda ahanditse ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahanditse ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Kuhagendera

Groharjeva ulica 22

SI-1241 KAMNIK

SLOVENIYA

+386 1-83-03-600

Inzira wojana

Ibintu nyamukuru bihakorerwa

Barahagarikira igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri Sloveniya. Barahindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu gisloveniya no mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Sloveniya, bagategura n’amavidewo n’iama odiyo muri izo ndimi. Mu vyo umuntu abona ariko aratemberezwa harimwo igicapo cerekana kahise ka Bibiliya y’igisloveniya. Ico gicapo kirerekana kandi ingene izina ry’Imana ryagiye rirakoreshwa mu ma Bibiliya no mu bindi bitabu vyo mu gisloveniya mu binjana biheze.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa