Ja ku birimwo

Umusi mukuru w’abasangwabutaka bo muri Amerika i New York

Umusi mukuru w’abasangwabutaka bo muri Amerika i New York

Abantu benshi biyumvira ko abasangwabutaka bo muri Amerika baba canecane hagati mu gihugu. Ariko abarenga ibice 70 kw’ijana vy’abakomoka kuri bo baba mu bisagara. Kuva kw’igenekerezo rya 5-7 Ruheshi 2015, mu gisagara ca New York muri Amerika harabereye isabukuru yabo. * Igihe bamwe mu Vyabona vya Yehova b’i New York bamenya ibijanye n’iyo sabukuru, baciye bategekanya kujayo. Uti kubera iki?

Ivyabona vya Yehova barahindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi amajana. Aho harimwo indimi nyinshi z’abasangwabutaka bo muri Amerika, nk’izi: pied-noir, dakota, hopi, mohawk, navajo, odawa, na cri des plaines. Ku bw’ivyo, Ivyabona barajanye kuri iyo sabukuru ibitabu biri muri izo ndimi babishira ku mameza n’utuntu bakwega dufise amapine. Muri ivyo bitabu harimwo agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Urashobora kwizigira Umuremyi!

Ku rubuga rwacu hariho kandi ivyafashwe amajwi n’amavidewo biri muri nyinshi muri izo ndimi. Ivyabona bari kuri iyo sabukuru bareretse abari ng’aho menshi muri ayo mavidewo, narirya ivyerekanwa ahandi vyari mu congereza canke mu gisupanyoli gusa.

Benshi mu bari aho barakozwe ku mutima n’ingene twigora tugahindura ibitabu mu ndimi nyinshi z’abo basangwabutaka hamwe n’igikorwa turangura co kwigisha Bibiliya mu bisagara no mu turere abo basangwabutaka babamwo. Umwe mu batunganije iyo sabukuru amaze kumenya ibijanye n’igikorwa turangura, yarasavye kwiga Bibiliya. Yavuze ati: “Ndashashaye ko mungendera kugira munyigishe Bibiliya!”

Hari abubakanye b’abasangwabutaka b’abaragi begereye kimwe mu bibanza vyarimwo ibitabu vyacu, ariko Ivyabona bari ng’aho ntibashoboye kubayagisha. Muri ako kanya nyene haciye hashika Icabona yari yarize ururimi rw’ibimenyetso. Yamaranye n’abo nk’iminota 30 ariko arabaganiriza yongera arabarangira ahazobera igikorane c’Ivyabona vya Yehova mu rurimi rw’ibimenyetso mu karere babamwo.

Ivyabona vya Yehova barenga 50 ni bo bagize uruhara muri ico gikorwa co kwigisha Bibiliya. Mu misi itatu iyo sabukuru yamaze, abaje mu bibanza Ivyabona bari bashizemwo ibitabu barakiriye ibirenga 150.

^ ing. 2 Ku bijanye n’ayo masabukuru agirwa muri iki gihe, umuhinga William Powers avuga ati: “Ni ibirori bidafitaniye isano n’idini, bigizwe ahanini n’imvyino ziherekejwe n’intambo zigirwa n’abagabo, abagore n’abana.”​—Ethnomusicology, Nyakanga 1968, urupapuro rwa 354.