Ja ku birimwo

Inkuru nziza ku basozabwato

Inkuru nziza ku basozabwato

Nk’uko amaraporo amwamwe avyerekana, kw’isi yose hari abasozabwato umuliyoni n’igice. None ko abo basozabwato baguma bagira ingendo bava ku kivuko baja ku kindi, Ivyabona vya Yehova bashobora gute kubabwira ubutumwa bwo muri Bibiliya? Igihe ubwato bushitse ku kivuko, Ivyabona bamenyerejwe barasaba kwurira mu bwato kugira bigishe Bibiliya ku buntu abakapitene babwo n’abandi bakorana, bakabaha n’ibinyamakuru vyo mu rurimi bipfuza.

None abo basozabwato bakira gute ubwo butumwa? Icabona umwe yitwa Stefano ahora yamamaza ku kivuko c’i Vancouver muri Kanada asigura ati: “Hari abantu biyumvira ko abasozabwato bose bakaze kandi bagoye. Naho bamwebamwe ari ko bameze, benshi mu bo tuganira baricisha bugufi kandi usanga bipfuza kwiga Bibiliya.” Stefano yongerako ati: “Nka bose baremera Imana kandi bipfuza ko ibahezagira. Ku bw’ivyo, benshi batwakirana igishika.” Kuva muri Nyakanga 2015 gushika muri Myandagaro 2016, ku kivuko c’i Vancouver honyene, Ivyabona vya Yehova bemerewe kwinjira mu bwato incuro zirenga 1.600! Abasozabwato barakiriye ibitabu ibihumbi mu ndimi nyinshi kandi abarenga 1.100 baratanguye kwiga Bibiliya.

Abo basozabwato bashobora gute kubandanya biga Bibiliya?

Kubera ko Ivyabona vya Yehova usanga bari ku bivuko vyo hirya no hino kw’isi, abasozabwato bipfuza kubandanya kuganira kuri Bibiliya boshobora gusaba kuzoyaga n’Ivyabona bo ku kivuko bazohagararako ubukurikira. Nk’akarorero, muri Rusama 2016, Ivyabona vya Yehova b’i Vancouver baraganiriye n’umugabo yitwa Warlito yakorera ku bwato butwara imizigo. Baramweretse ka ka videwo kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? baca baratanguza inyigisho ya Bibiliya mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Warlito yararyohewe aca yipfuza kubandanya kwiga Bibiliya, ariko ikivuko yari guhagararako ubukurikira cari ic’i Paranaguá muri Brezile, hakaba ari kure cane y’i Vancouver.

Haheze ukwezi kurenga, ubwato Warlito akorerako bwaratevye burashika i Paranaguá. Ivyabona babiri b’Abanyabrezile barinjiye muri ubwo bwato maze babaza ngo babarangire uwitwa Warlito. Warlito yarumiwe. Bamubwiye ko Ivyabona bagenzi babo b’i Vancouver bari babamenyesheje ko yipfuza kubandanya yiga Bibiliya. Warlito yaranezerejwe no kubonana n’ivyo Vyabona b’Abanyabrezile yongera arakenguruka kuba haragizwe izo ntunganyo. Yaremeye kubandanya yiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova bo ku kivuko azohagararako ubukurikira.