Ja ku birimwo

Ingoro y’Ubwami imaze iki mu karere irimwo?

Ingoro y’Ubwami imaze iki mu karere irimwo?

Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka irenga ijana biyubakira inyubakwa basengeramwo. Izo nyubakwa zitwa Ingoro y’Ubwami. Hoba hari iyubatse mu karere iwanyu? Hoba hari ico Ingoro y’Ubwami yoterera mu karere iwanyu?

Mu gisagara ca Flowery Branch, muri leta ya Géorgie muri Amerika

“Ingabire nziza ku bantu bo mu kibano”

Ingoro z’Ubwami zubakwa ku buryo zituma akarere zirimwo karushiriza gusa neza. Uwitwa Jason, akaba ahagarikiye ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami muri Amerika, avuga ati: “Intumbero yacu ni ugutuma Ingoro y’Ubwami yose iba imwe mu nyubakwa nziza kandi ziteye iteka mu karere irimwo.” Ikindi Cabona akora mu vy’imigero yongerako ati: “Twipfuza ko Ingoro y’Ubwami iba ingabire nziza ku bantu bo mu kibano, kandi igashariza akarere irimwo.”

Abubaka izo Ngoro z’Ubwami ni Ivyabona vya Yehova bemera gutanga umwanya wabo n’ubuhanga bwabo muri ico gikorwa kandi bakihatira kwubaka inyubakwa nziza cane. Abandi ntibabura kubona igikorwa ciza barangura. Nk’akarorero, baheruka kwubaka Ingoro y’Ubwami mu gisagara ca Richmond co muri leta ya Texas muri Amerika. Umugenduzi w’inyubakwa muri ako karere yavuze ko yari isakaye neza kuruta izindi nyubakwa zose yari amaze kubona. Mw’izinga rya Jamaïque, umugenduzi w’inyubakwa yarajanye n’abagenduzi bashasha kugendera ishantiye y’Ingoro y’Ubwami. Yababwiye ati: “Ntimuze mwirirwe murigora ku vyerekeye aba bantu. Ivyabona vya Yehova barubahiriza neza imigero, mbere bakarenza n’ivyo amategeko y’ubwubatsi yo ng’aha asaba.” Umugenduzi w’inyubakwa mu gisagara co muri leta ya Floride muri Amerika yavuze ati: “Naragenduye amashantiye y’ibitaro n’ay’inyubakwa nini za leta ariko nta n’imwe nabonye itunganije neza nk’iyi. Mukora igikorwa ciza cane.”

Mu gasagara ka Concession muri Zimbabwe

Ni ngirakamaro mu kibano

Amakoraniro abera ku Ngoro y’Ubwami aragirira akamaro abayitaba. Yarafashije abayitaba kuba ba sebibondo beza, ba inabibondo beza n’abana beza. Rod, akaba akora mu mugwi ujejwe imigero y’Ingoro z’Ubwami, avuga ati: “Ingoro y’Ubwami ni ahantu hatangirwa inyigisho ziremesha abantu kugira inyifato runtu, ivyo bikaba bigirira akamaro abo mu kibano bose.” Yongerako ati: “Ni ho hantu uronkera imfashanyo igihe uri mu bigeragezo. Harangwa igishika ku buryo abakeneye kuremeshwa no kwiga ivyerekeye Imana bose bumva bisanze.”

Abagirira amakoraniro mu Ngoro z’Ubwami barakunda ababanyi babo, kandi barihutira kubafasha igihe bashikiwe n’ivyago. Nk’akarorero, igihe igihuhusi cataziriwe Matthew catera muri Bahamas mu 2016, Ivyabona vya Yehova barasanuye amazu 254. Mu karere kamwe, inzu y’umutamakazi w’imyaka 80 yitwa Violet yari yatewe n’amazi. Uwo mutamakazi yaregereye Ivyabona bariko baratabara abatewe n’uwo mwuzure. Yabasavye ko bomufasha maze akabaha amahera. Baranse kwakira ayo mahera, ariko baramufashije gusubizaho ibisakazo vyari vyononekaye kugira inzu yiwe ireke kuva. Baramusanuriye n’igisenge co muri salo. Bahejeje, Violet yarabaguye mu nda bose, aguma abashimira adaheza, yikugura ati: “Muri abantu b’Imana vy’ukuri!”

Mu gisagara ca Bad Oeynhausen, muri leta ya North Rhine-Westphalia mu Budagi

“Turahiriwe kuba dufise Ingoro y’Ubwami aha iwacu”

Kugira Ingoro z’Ubwami zigume zimeze neza, Ivyabona vya Yehova barashizeho programa yo kwigisha abazikoraniramwo ingene bozibungabunga. Ivyo vyaravuyemwo ivyiza. Nk’akarorero, mu karere kamwe ko muri leta ya Arizona, hari umugore yitavye amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Yaragize ico avuze ku kuntu iyo ngoro yari ifashwe neza. Yaratangaye yumvise ko hariko harategurwa ibikorwa vyo kuyisanura kandi yari isanzwe imeze neza. Uwo mugore yari umwanditsi w’ikinyamakuru co muri ico gisagara. Mu nyuma ico kinyamakuru casohotse kirimwo ikiganiro cavuga ingene iyo Ngoro y’Ubwami ifashwe neza. Ico kiganiro casozera giti: “Turahiriwe kuba dufise Ingoro y’Ubwami aha iwacu.”

Hariho Ingoro z’Ubwami nyinshi hirya no hino kw’isi. Urahawe ikaze n’igishika cinshi nimba ushaka kugendera imwe muri zo. Niwahashika uzokwumva wisanze.