Ja ku birimwo

Mwoba mufise abakuru bahembwa?

Mwoba mufise abakuru bahembwa?

 Nk’uko vyari mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere, mu Vyabona vya Yehova nta bitwa ko ari abakuru abandi ngo bitwe ko ari abakirisu basanzwe. Ababatijwe bose ni abasuku bemewe, bakaba rero bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha abantu Bibiliya. Ivyabona bagabuwe mu mashengero, rimwerimwe ryose rikaba ririmwo nk’Ivyabona 100. Buri shengero ririmwo abagabo bahumuye mu vy’Imana bakora ari “abagabo b’inararibonye,” ari bo bakurambere b’ishengero. (Tito 1:5) Igikorwa bakora ntibagihemberwa.