Ja ku birimwo

Mwoba mukora igikorwa c’ubumisiyonari?

Mwoba mukora igikorwa c’ubumisiyonari?

 Ego cane. Aho tuba hose, twese Ivyabona vya Yehova turagerageza kugira agatima keza k’ubumisiyonari mu kwama tubwira abantu duhura ivyo twizera.​—Matayo 28:19, 20.

 Vyongeye, hari Ivyabona baja canke bimukira mu tundi turere two mu gihugu iwabo aho usanga abantu benshi batarigera bumva inkuru nziza yo muri Bibiliya. Abandi na bo barimukira mu bindi bihugu kugira baje kwamamazayo inkuru nziza. Barahimbarwa no kugira uruhara mu kurangura ivyo Yezu yavuze ati: “Muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”​—Ivyakozwe 1:8.

 Mu 1943, twarashinze ishure kugira rimenyereze mu buryo budasanzwe bamwebamwe mu bamisiyonari bacu. Kuva ico gihe, Ivyabona barenga 8.000 baramaze kwitaba iryo shure, rikaba ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi.