Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova boba barahinduye Bibiliya kugira bayihuze n’ivyo bemera?

Ivyabona vya Yehova boba barahinduye Bibiliya kugira bayihuze n’ivyo bemera?

 Oya, nta vyo twakoze. Ahubwo igihe twasanga ivyo twemera bidahuje neza na neza na Bibiliya, twarahinduye ivyo twemera.

 Imbere cane y’uko dutangura gusohora Bibiliya y’isi nshasha mu 1950, twarasuzuma Bibiliya. Twarakoresha Bibiliya yose yashobora kuboneka, tugaheza tugashingira kuri yo ivyo twemera. Rimbura uturorero dukeyi tw’ibintu Ivyabona vya Yehova bamaze igihe kirekire bemera, uheze wirabire nimba bihuje n’ivyo Bibiliya yigisha.

  1.   Ivyo twemera: Imana si Ubutatu. Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo muri Mukakaro 1882 wagira uti: “Abasomyi bacu barazi ko naho twemera Yehova, Yezu hamwe n’impwemu nyeranda, twiyamiriza inyigisho idashingiye kuri Bibiliya ivuga ko izo ari Imana zitatu ziri mu muntu umwe, canke nk’uko bamwe babivuga, ko ari Imana imwe igizwe n’abaperesona batatu.”

      Ivyo Bibiliya ivuga: “Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene.” (Gusubira mu vyagezwe 6:4, Bibiliya Yera) “Kuri twebwe tweho, hari Imana imwerudende, Data, ari Yo vyose vyamukako kandi ari Yo twaremewe; bisubiye, hari Umukama umwe, Yezu-Kristu, We abeshaho vyose kandi ari We tugendako.” (1 Abakorenti 8:6, Ubwuzure Bushasha) Yezu ubwiwe yavuze ati: ‘Data aranduta.’​—Yohani 14:28, Bibiliya Yera.

  2.   Ivyo twemera: Nta muriro udahera uriho. Mu gusubiramwo amajambo dusanga mu Baroma 6:​23 muri Bibiliya Yera, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo muri Ruheshi 1882 wari ufise umutwe uvuga ngo ‘Ingero y’icaha ni urupfu,’ wavuze uti: “Ese ukuntu ayo majambo atomoye kandi asanzwe. Biratangaje kubona hari abantu benshi bavuga ko bemera yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ariko bakabandanya kuvuguruza ayo majambo, bakavuga ko bemera yuko ingero y’icaha ari ubuzima budahera mu muriro be n’uko ivyo ari vyo Bibiliya yigisha.”

      Ivyo Bibiliya ivuga: “Umuntu akora icaha . . . azopfa.” (Ezekiyeli 18:​4, 20, Bibiliya Yera) Igihano ca nyuma kizohabwa abarwanya Imana si ukubabazwa ibihe bidahera, ahubwo ni “urupfu rwamaho.”​—2 Abanyatesalonika 1:9, Ubwuzure Bushasha.

  3.   Ivyo twemera: Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho, ntiburi mu mutima. Ku vyerekeye Ubwami bw’Imana, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo muri Kigarama 1881 wavuze uti: “Birumvikana ko ubwo bwami nibwatangura kuganza buzoca bukuraho ubwami bwose bwo kw’isi.”

      Ivyo Bibiliya ivuga: “Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.”​—Daniyeli 2:​44, Bibiliya Yera.

Ivyabona vya Yehova boba biheka kuri Bibiliya y’isi nshasha kugira bashigikire ivyo bemera?

 Oya, kubera yuko tubandanya gukoresha impinduro za Bibiliya zitandukanye mu kuvuga ubutumwa. Naho dutanga ku buntu Bibiliya y’isi nshasha mu gihe twigisha abandi Ijambo ry’Imana, turahimbarwa kandi no kwiga n’abahitamwo gukoresha izindi Bibiliya.