Ja ku birimwo

Ibisigurwa bariko barabicapa

Utu tuvidewo turigisha ibintu bihambaye yamara bikagirwa mu buryo bwo kwiryohera!

Noba ninuba abandi?

Agatima ko kwinubana karandukiye abantu kuva kera. Raba impanuro Bibiliya iduha zogufasha kukirinda.

Ukuntu wokoresha neza amahera yawe

Nukoreshe neza amahera ufise ubu kugira uzoyikoreko niwayakenera.

Niwirinde itabi

Naho hari abantu benshi banywa itabi canke shishe, hari abandi babihevye, hakaba n’abariko baragerageza kubiheba. Uti kubera iki? Itabi ryoba riteza ingorane?

Gukina ama jeux: Woba uriko uratsinda nk’uko uvyibaza?

Gukina ama jeux birashobora kuryoha ariko birashobora no guteza ingorane. Ni gute wokwirinda izo ngorane maze ugatahukana intsinzi vy’ukuri?

Umubabaro ufise urashobora guhera

Wokora iki igihe wumva urengewe n’umubabaro?

Ivyo ukwiye kumenya ku bijanye na siporo

Siporo irashobora kukwigisha ibintu bihambaye, nko gukorana neza n’abandi no kuyaga na bo. Ariko none, yoba ikwiye kuba kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima?

Nuzirikane imbere yo kunywa

Benshi akayoga kamaze kubashika, baravuga canke bagakora ibintu bituma mu nyuma bicuza. Wokwikingira gute ingorane ziva ku kunywa ukarenza urugero?

Noyagisha gute abavyeyi banje?

Woganira gute n’abavyeyi bawe igihe wumva utabishaka?

Woba utwarwa cane n’ubuhinga bwa none?

Urashobora gukoresha ubuhinga bwa none butiriwe burakugira umuja. Womenya gute ko woba usigaye uri umuja w’akuma kawe? Wokora iki usanze ari ko biri?

Noronka gute umwidegemvyo wiyongereye?

Ubona ko hageze ko ufatwa nk’umuntu akuze, ariko abavyeyi bawe si ko babibona. None ni intambwe izihe wotera kugira bakwizigire?

Ingene nokwirinda urusaku

Igihe cose uzobona mu kiyago mwarimwo hatanguye kuzamwo urusaku, uraca ugira ico ukoze

Rwoba ari urukundo canke ni igihababu?

Menya insobanuro y’urukundo rw’igihababu n’urukundo nyakuri.

Nunanire akosho k’urunganwe!

Raba ibintu bine bishobora kugufasha kwirinda agakuku.

Nukoreshe neza ubuhinga bwa none

Nuryoherwe no guhanahana amakuru n’abagenzi bawe kuri Internet, ariko ntiwijajare.

Umugenzi nyakuri ameze gute?

Biroroshe ko uronka abagenzi b’indyadya; none woronka gute umugenzi nyakuri?

Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara

Raba igituma hari abatoteza abandi n’ingene wovyifamwo igihe utotejwe.