Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yohani 3:16: “Kuko Imana yakunze isi cane”

Yohani 3:16: “Kuko Imana yakunze isi cane”

 “Kuko Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.”​—Yohani 3:16, Bibiliya Yera.

Ico muri Yohani 3:16 hasobanura

 Imana iradukunda kandi ishaka ko tubaho ibihe bidahera. Ico ni co catumye irungika Umwana wayo Yezu Kristu hano kw’isi. Igihe Yezu yari kw’isi, yarakoze ibintu bitari bike. Kimwe muri vyo, yarigishije abigishwa biwe ivyerekeye Imana yiwe ikaba na Se. (1 Petero 1:3) Ikindi na co, yaratanze ubuzima bwiwe ku bw’abantu. Kugira turonke ubuzima budahera, dutegerezwa kwizera Yezu.

 Urugero Imana yagejejeko mu kudukunda ruragaragarira muri aya majambo ngo “yatanze Umwana wayo w’ikinege.” a Yezu yari Umwana w’Imana adasanzwe. Uti gute? Yezu wenyene ni we Imana yiremeye ata wundi biciyeko. (Abakolosayi 1:17) Ni we “mfura mu biremwa vyose.” (Abakolosayi 1:15) Ibindi biremwa vyose, ushizemwo abamarayika, vyaremwe biciye kuri Yezu. Naho biri ukwo, Yehova b Imana yararungitse kw’isi uwo Mwana wiwe akunda cane “kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Yezu yarababajwe yongera aricwa kugira adukize icaha n’urupfu twarazwe na Adamu.​—Abaroma 5:8, 12.

 Kwizera Yezu ntibigarukira gusa ku kwemera ko abaho no kwemera ivyo yadukoreye. Twerekana ko twizera Umwana w’Imana mu kumugamburukira no mu kumwigana. (Matayo 7:24-27; 1 Petero 2:21) Bibiliya ivuga iti: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima.”​—Yohani 3:36.

Amakikuro ya Yohani 3:16

 Ayo majambo Yezu yayavuze igihe yariko aganira n’indongozi y’idini ry’Abayuda yitwa Nikodemu. (Yohani 3:1, 2) Muri ico kiganiro, Yezu yaravuze amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’Ubwami bw’Imana c hamwe no ‘kwongera kuvuka.’ (Yohani 3:3) Yaravuze kandi n’ingene yopfuye. Yavuze ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa kuduzwa [kumanikwa ku giti], kugira ngo umuntu wese amwemera aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:14, 15) Yaciye ashimika ku vy’uko urukundo rudasanzwe Imana yakunze abantu ari rwo rwatumye turonka akaryo ko kuzoronka ubuzima budahera. Yezu yasozereye avuga ko kugira turonke ubuzima, dutegerezwa kugaragaza ukwizera kandi tugakora ibihimbara Imana.​—Yohani 3:17-21.

a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ikinege” ni monogenes, rikaba risobanurwa ngo “umwe gusa, . . . ata wundi ameze nka we, yisa (mu kuntu ameze).”​—Vyakuwe mu gitabu A Greek-English Lexicon of the New Testament and Other Early Christian Literature, urupapuro rwa 658.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.

c Ubwami bw’Imana, ubwitwa kandi “Ubwami bwo mw’ijuru,” ni intwaro yo mw’ijuru. (Matayo 10:7; Ivyahishuwe 11:15) Imana yagenye Kristu ngo abe Umwami w’ubwo Bwami. Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana ni iki?