Ja ku birimwo

“Impfunguruzo z’ubwami” ni iki?

“Impfunguruzo z’ubwami” ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 “Impfunguruzo z’ubwami,” izikunze kandi kwitwa “impfunguruzo zijana mu bwami,” zigereranya ububasha bwo kwugururira abantu inzira yo “kwinjira mu bwami bw’Imana.” (Matayo 16:19; The New American Bible; Ivyakozwe 14:22) a Yezu yarahaye Petero “impfunguruzo z’ubwami bwo mw’ijuru.” Ivyo bisobanura ko Petero yaronse ububasha bwo guhishura yuko abantu b’abizigirwa botewe agateka ko kwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru mu kuronswa impwemu nyeranda.

Izo mpfunguruzo zakoreshejwe kuri bande?

 Petero yakoresheje ububasha yahawe n’Imana mu kwugururira imigwi itatu y’abantu inzira yo kwinjira mu Bwami bw’Imana:

  1.   Abayuda n’abahindukiriye idini ry’Abayuda. Inyuma gatoyi y’urupfu rwa Yezu, Petero yararemesheje isinzi ry’Abayuda kwemera ko Yezu ari we Imana yatoye ngo aganze Ubwami bwayo. Yaraberetse ico bakwiye gukora kugira barokoke. Gutyo, yari abugururiye inzira ijana mu Bwami kandi benshi cane ‘barakiriye ijambo ryiwe.’—Ivyakozwe 2:​38-​41.

  2.   Abasamariya. Mu nyuma Petero yarungitswe ku Basamariya. b Yarasubiye gukoresha urupfunguruzo rw’Ubwami igihe we n’intumwa Yohani “[babasengera] ngo baronke impwemu nyeranda.” (Ivyakozwe 8:14-17) Ivyo vyarugururiye Abasamariya akaryo ko kwinjira mu Bwami bw’Imana.

  3.   Abanyamahanga. Haheze imyaka itatu n’igice Yezu apfuye, Imana yarahishuriye Petero ko abanyamahanga (abatari Abayuda) na bo nyene boronkejwe akaryo ko kwinjira mu Bwami. Petero yaciye akoresha rumwe muri za mpfunguruzo mu kubwira inkuru nziza abanyamahanga, gutyo aba aratumye baronka akaryo ko kuronswa impwemu nyeranda, baraba abakirisu maze baraja mu gitigiri c’abazokwinjira mu Bwami.—Ivyakozwe 10:30-35, 44, 45.

“Kwinjira mu bwami” bisobanura iki?

 ‘Abinjira mu bwami’ ni abazofadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru. Bibiliya yavuze ko “[bazokwicara] ku ntebe z’ubwami” maze “ba[ka]ganza isi.”—Luka 22:29, 30; Ivyahishuwe 5:9, 10.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’impfunguruzo z’Ubwami

 Iciyumviro kitari co: Petero ni we acagura abaja mw’ijuru.

 Ukuri: Bibiliya ivuga ko Yezu ari we “[a]zocira imanza abazima n’abapfuye,” si Petero. (2 Timoteyo 4:1, 8; Yohani 5:22) Kanatsinda, Petero ubwiwe yavuze ko Yezu “ari [we yashizweho] n’Imana ngo abe umucamanza w’abazima n’abapfuye.”—Ivyakozwe 10:34, 42.

 Iciyumviro kitari co: Imana yararindira ko Petero ahitamwo igihe co gukoresha impfunguruzo z’Ubwami.

 Ukuri: Igihe Yezu yavuga ibijanye n’impfunguruzo z’Ubwami, yabwiye Petero ati: “Ico uzohambira mw isi kizoba gihambiriwe mw ijuru; n’ico uzohamburura mw isi kizoba gihamburuwe mw ijuru.” (Matayo 16:19, Bibiliya Yera) Bamwe batahura ko uwo murongo usobanura yuko Petero ari we yafata ingingo hama Imana igaca ikora yisunze iyo ngingo ya Petero. Ariko amavuga y’ikigiriki yakoreshejwe muri iryo ryungane yerekana ko Petero yafata ingingo yisunze izafashwe mw’ijuru, ntiyerekana ko mw’ijuru bafata ingingo bisunze izo Petero yaba yafashe.

 Hari n’ahandi muri Bibiliya herekana ko Petero yisunga ubuyobozi buva mw’ijuru mu gukoresha impfunguruzo z’Ubwami. Nk’akarorero, igihe yakoresha urupfunguruzo rugira gatatu, yarisunze ubuyobozi Imana yamuhaye.—Ivyakozwe 10:19, 20.

a Rimwe na rimwe, Bibiliya irakoresha ijambo “urupfunguruzo” ishaka kuvuga ububasha canke ibanga.—Yesaya 22:20-​22; Ivyahishuwe 3:​7, 8.

b Idini ry’Abasamariya ryari ritandukanye n’iry’Abayuda ariko mu vyo ryigisha no mu vyo ryakora harimwo ivyo muri rya Tegeko rya Musa.