Ja ku birimwo

Bibiliya ni iki?

Bibiliya ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ivyo womenya ku bijanye na Bibiliya

  •   Ni nde yanditse Bibiliya? Bibiliya yakomotse ku Mana. Ariko Imana yakoresheje abantu nka 40 batandukanye mu kuyandika. Bamwe muri bo bari Musa, umwami Dawidi, Matayo, Mariko, Luka, na Yohani. a Imana yashize ivyiyumviro vyayo mu bwenge bwabo kugira bandike ubutumwa bwayo.​—2 Timoteyo 3:16.

     Tubitangire akarorero: Nka hamwe umugwizatunga yosaba umunyamabanga wiwe kwandika ikete mw’izina ryiwe, kumbure akanamubwira ivyo yandika, ubutumwa buri muri iryo kete bwoba ari ubw’uwo mugwizatunga. Muri ubwo buryo nyene, naho Imana yakoresheje abantu kwandika ubutumwa bwayo, ni yo Bibiliya ikomokako.

  •   Ijambo «Bibiliya» risobanura iki? Ijambo «Bibiliya» rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki biblia, risobanura «ibitabu bitobito.» Ijambo biblia ryahavuye rikoreshwa mu kwerekeza ku bitabu bitobito vyashizwe hamwe maze vyitwa Bibiliya.

  •   Bibiliya yanditswe ryari? Bibiliya yatanguye kwandikwa mu 1513 imbere ya Kristu maze irangira kwandikwa nko mu 98 inyuma ya Kristu haciye imyaka irenga 1.600.

  •   Bibiliya yanditswe mu ntango iri hehe? Nta bisomwa vya Bibiliya vyo mu ntango bikihari. Abanditse Bibiliya bakoresheje ibikoresho bibora vyaboneka ico gihe, nk’impapuro z’urufunzo n’insato. Ariko rero, abimuzi b’abahinga baramaze ibinjana n’ibindi bimura ibisomwa vya Bibiliya bavyitondeye, kugira abazobaho mu nyuma baze bayisome.

  •   «Isezerano rya kera» n’«Isezerano rishasha» ni iki? Igisomwa ca Bibiliya abantu benshi bita Isezerano rya kera ni igice ca Bibiliya canditswe mu giheburayo, b citwa kandi Ivyanditswe vy’igiheburayo. Ico bita Isezerano rishasha na co ni icanditswe mu kigiriki, kikaba citwa Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Ivyo bice uko ari bibiri vyose biri hamwe bigira igitabu kimwe, icitwa kandi Ivyanditswe Vyeranda. c

  •   Ni ibiki biri muri Bibiliya? Ibice bitandukanye vyo muri Bibiliya birimwo inkuru za kahise, amategeko, ubuhanuzi, ivyese, imigani, indirimbo, n’amakete.​—Raba « Ibitabu bigize Bibiliya

 Ni ibiki bivugwa muri Bibiliya?

 Bibiliya itangura ivuga muri make ingene Imana Mushoboravyose yaremye ijuru n’isi. Biciye kuri Bibiliya, Imana iratubwira izina ryayo, Yehova, kuko yipfuza ko abantu bayimenya.​—Zaburi 83:18.

 Bibiliya irerekana ko Imana yasizwe iceyi, ikerekana n’ingene Imana izosubira kweza izina ryayo.

 Bibiliya irahishura umugambi Imana ifitiye abantu be n’isi. Irerekana ingene Imana izokuraho ibintu vyose bituma abantu bashikirwa n’ingorane.

 Bibiliya iratanga impanuro nziza zodufasha mu buzima. Nk’akarorero:

  •   Kubana neza n’abandi. «Ibintu vyose rero mushaka ko abandi babagirira, namwe mutegerezwa kubibagirira.»​—Matayo 7:12.

     Ico bisobanura: Dukwiye gufata abandi nk’uko natwe twoshima ko badufata.

  •   Kwirinda amaganya. «Ntimwigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo.»​—Matayo 6:34.

     Ico bisobanura: Aho kurazwa ishinga n’ivyoshobora kudushikira muri kazoza, dukwiye kwitwararika umusi umwumwe ukwawo.

  •   Kuronka agahimbare mu mubano. «Umwe wese muri mwebwe ategerezwa gukunda umugore wiwe nk’uko yikunda. Umugore na we ategerezwa kwubaha cane umugabo wiwe.»​—Abanyefeso 5:33.

     Ico bisobanura: Urukundo n’icubahiro ni ntahara kugira abubakanye bahimbarwe.

 Ubutumwa buri muri Bibiliya bwoba bwarahindutse?

 Habe namba. Abahinga mu vya Bibiliya baragereranije bitonze ivyandikano vya kera cane vya Bibiliya na Bibiliya dufise ubu maze basanga ubutumwa buri muri Bibiliya muri rusangi ntibwahindutse. Ivyo birumvikana. Nimba Imana yipfuza ko abantu basoma Ijambo ryayo kandi bakaritahura, ntivyumvikana none ko yategerezwa kwitwararika ko ubutumwa bwayo budahinduka? d​—Yesaya 40:8.

 Kubera iki hari impinduro za Bibiliya nyinshi zitandukanye?

 Abantu benshi basoma Bibiliya muri iki gihe ntibazi indimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango. Naho biri ukwo, Bibiliya irimwo «inkuru nziza» ku ‘mahanga yose, imiryango yose, n’indimi zose.’ (Ivyahishuwe 14:6) Ku bw’ivyo, abantu barakeneye impinduro ya Bibiliya mu rurimi rwabo kugira bashobore kuyisoma no gutahura neza ubutumwa bw’Imana.

 Hari uburyo butatu bwo gushira Bibiliya mu rundi rurimi:

  •   Guhindura ijambo ku rindi ni uguhindura ijambo ryose riri muri Bibiliya uko bishoboka kwose.

  •   Guhindura iciyumviro ni ugukoresha amajambo aserura iciyumviro kiri mu gisomwa co mu rurimi rwo mu ntango.

  •   Guhindura mu guserura gusa icashatse kuvugwa ni uguhindura igisomwa uko umuntu ashatse, mu ntumbero yo gutuma kiryoha gusoma. Mugabo mwene ubwo buryo bwo guhindura rimwe na rimwe buratuma insobanuro nyayo y’igisomwa idatomoka neza.

 Bibiliya ihinduye neza iba yahinduwe ijambo ku rindi ariko kandi igakoresha imvugo ya none kugira abantu bashobore gutahura ubutumwa bw’Imana mu buryo butarimwo amakosa. e

 Ni nde yashinze ivyoja muri Bibiliya?

 Imana, yo Bibiliya ikomokako ni yo yashinze ivyoja muri Bibiliya. Mu ntango, Imana yatoye Abisirayeli ba kera ngo babe ari bo ‘izeza amajambo yayo meranda’, baba nk’abajejwe Ivyanditswe vy’igiheburayo.​—Abaroma 3:2.

 Hoba hari ibitabu bibuze muri Bibiliya?

 Oya. Bibiliya irakwiye. Nta bitabu bibuze. Abantu bamwebamwe bavuga ko hari ibitabu vya kera vyari mu bigize Bibiliya vyamaze igihe kirekire binyegejwe. f Ariko Bibiliya ubwayo irimwo ibimenyamenya vyerekana ko yikwije. (2 Timoteyo 1:13) Twisunze ivyo bimenyamenya, turabona ko ibitabu vyo muri Bibiliya vyahumetswe n’Imana vyose bivuga rumwe. Ariko si ko bimeze ku bitabu vya kera bamwebamwe biyumvira ko biri mu bigize Bibiliya. g

 Ingene twotora imirongo yo muri Bibiliya

  Ibitabu bigize Bibiliya

a Kugira ubone urutonde rukwiye rw’ibitabu bigize Bibiliya, abavyanditse, n’igihe bavyandikiye, raba «Urutonde rw’ibitabu vyo muri Bibiliya

b Hari ibice bikeyi vya Bibiliya vyanditswe mu giharameya, ururimi rufitaniye isano n’igiheburayo.

c Abasomyi benshi ba Bibiliya bashima gukoresha imvugo «Ivyanditswe vy’igiheburayo» n’«Ivyanditswe vy’ikigiriki.» Izo mvugo zituma umuntu atiyumvira ko «Isezerano rya kera» ryataye igihe risubirirwa n’«Isezerano rishasha.»

d Raba ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya yoba yaragoretswe?»

e Abantu benshi barakunda gusoma Bibiliya y’isi nshasha kubera itagira amakosa kandi ikaba yoroshe gusoma. Raba ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya y’isi nshasha yoba itagiramwo amakosa?»

f Ivyo bitabu biri hamwe vyitwa apocryphes. Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopædia Britannica) ivuga ko «mu bijanye na Bibiliya, [iyo mvugo yerekeza] ku bitabu bitari mu vyemewe ko bigize Bibiliya», ni ukuvuga bitari mu rutonde rwemewe rw’ibitabu bigize Bibiliya.