Ja ku birimwo

Abanefilimu bari bande?

Abanefilimu bari bande?

Inyishu Bibiliya itanga

 Abanefilimu bari ibigatanya, abantu b’ibihangange bakora ikibi. Bari bakomotse ku bamarayika baje kuvyarana n’abagore mu misi ya Nowa. a

 Bibiliya ivuga ko ‘abana b’Imana y’ukuri batanguye kwitegereza abakobwa b’abantu, bakabona ko ari beza.’ (Itanguriro 6:2) Abo “bana b’Imana” mu vy’ukuri bari abamarayika bagararije Imana igihe “[bata] ahantu habo ho kuba hababereye” mw’ijuru, biyambika imibiri y’abantu kugira ‘biyabirire abagore batoranije bose.’​—Yuda 6; Itanguriro 6:2.

 Abana abo bamarayika bavyaranye n’abo bagore ntibari basanzwe. (Itanguriro 6:4) Abanefilimu bari ibihangange bisinda, inkozi z’ikibi zatumye isi yuzura ubugizi bwa nabi. (Itanguriro 6:13) Bibiliya ibita “ba banyenkomezi ba kera, ba bagabo ba rurangiranwa.” (Itanguriro 6:4) Barasize iragi ry’ubugizi bwa nabi n’iterabwoba.​—Itanguriro 6:5; Guharūra 13:33. b

Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye Abanefilimu

 Ikinyoma: Abanefilimu baracariho kw’isi.

 Ukuri: Yehova yarateje umwuzure kw’isi yose wahitanye abantu b’abanyakibi bariho ico gihe. Abanefilimu baranduranywe n’abandi banyakibi bose. Nowa n’umuryango wiwe ni bo gusa bashimwa n’Imana kandi ni bo bonyene barokotse uwo mwuzure.​—Itanguriro 6:9; 7:12, 13, 23; 2 Petero 2:5.

 Ikinyoma: Abanefilimu bari bafise ba se b’abantu.

 Ukuri: Abo bakomotseko bitwa “abana b’Imana y’ukuri.” (Itanguriro 6:2) Bibiliya irakoresha iyo mvugo nyene ishaka kuvuga abamarayika. (Yobu 1:6; 2:1; 38:7) Abamarayika bari bafise ubushobozi bwo kwiyambika imibiri y’abantu. (Itanguriro 19:1-5; Yosuwa 5:13-15) Intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’“impwemu ziri mw’ibohero, izari zagambaraye kera hamwe ukwihangana kw’Imana kwari kurindiriye mu misi ya Nowa.” (1 Petero 3:19, 20) Yuda, umwe mu banditse Bibiliya, yarerekeje kuri ico kintu nyene, avuga ko hari abamarayika “batagumije ikibanza cabo ca mbere mugabo bagata ahantu habo ho kuba hababereye.”​—Yuda 6.

 Ikinyoma: Abanefilimu bari abamarayika baje kw’isi.

 Ukuri: Amakikuro y’icanditswe co mw’​Itanguriro 6:4 yerekana ko Abanefilimu batari abamarayika, ahubwo ko bari abana abamarayika biyambitse imibiri y’abantu bavyaranye n’abakobwa b’abantu. Inyuma y’aho abo bamarayika babiriye abagore “bitoranirije bose,” Yehova yavuze ko mu myaka 120 yogize ico akoze ku bijanye n’abantu batibanga Imana bariho ico gihe. (Itanguriro 6:1-3) Iyo nkuru ibandanya kwerekana ko “muri iyo misi,” ba bamarayika biyambika imibiri y’abantu “[babandanije] kuryamana n’abakobwa b’abantu” maze bavyara “ba banyenkomezi ba kera,” ari bo Banefilimu.​—Itanguriro 6:4.

a Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “Abanefilimu” rishobora kuba risobanura “abagwisha abandi.” Igitabu kimwe (Wilson’s Old Testament Word Studies) kivuga ko iryo jambo ryerekeza ku bantu “basimbira ku bandi babigiranye ubukazi maze bakabambura, ivyo bigatuma bagwa.”

b Bigaragara ko ba batasi b’Abisirayeli bavugwa mu Guharūra 13:33 babonye abantu barebare cane, bica bibibutsa ba Banefilimu, bano bakaba bari bamaze imyaka amajana bapfuye.​—Itanguriro 7:21-23.