Ja ku birimwo

Icanditswe c’umusi

Icanditswe c’umusi

Agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi karatanga umurongo kanaka wo muri Bibiliya wosoma buri musi hamwe n’ivyiyumviro bijanye n’uwo murongo. Ako gatabu karashobora kugufasha kwama utangura umusi mu gusoma iciyumviro ciza kandi kiremesha co muri Bibiliya.

Naho ushobora gusoma ico canditswe be n’ivyiyumviro bijana umwanya uwo ari wo wose, benshi basanze ari vyiza kuruta kubisoma mu gitondo. Ivyo birabafasha kuzirikana ku vyo basomye uwo musi wose. Nimba ufise umuryango, kuganirira hamwe ico canditswe buri musi birashobora kubagirira akamaro.

Urashobora gusoma icanditswe c’umusi kuri ca Cegeranyo c’ibitabu co kuri internet canke uje ku rubuga rwacu aho ushobora kuvoma ako gatabu mu mero ya PDF.