Ja ku birimwo

Umuvukanyi Mykola Bozhedomov yarishwe igihe haterwa amabombe ku gituro c’amagariyamoshi c’i Kramatorsk mu karere ka Donetsk

4 RUSAMA 2022
UKRAINE

Igikorwa kiranga urukundo

“Urwo rwari kuba ari urugendo rwa nyuma agize”

Igikorwa kiranga urukundo

Igihe intambara yari nyinshi mu karere ka Donetsk muri Ukraine, umuvukanyi Mykola Bozhedomov yaragira ingendo nyinshi aja i Kramatorsk kugira afashe abantu benshi bashoboka kuva muri ako karere karimwo intambara.

Mykola na Nina Bozhedomov

Ariko ku wa 8 Ndamukiza 2022, Mykola yarishwe igihe haterwa amabombe ku gituro c’amagariyamoshi c’i Kramatorsk mu karere ka Donetsk.

Mykola yari afise imyaka 58. Uretse Mykola, hari mushiki wacu umwe ari mu bantu barenga 50 bishwe. Vyongeye, mu bantu barenga ijana bakomeretse harimwo umuvukanyi umwe. Abavukanyi barokotse muri ico gitero bavuze ko haturitse ibibombe bibiri bikomeye maze ibimanyu vyavyo birataragurika mu kirere.

Nina umugore wa Mykola akaba afise imyaka 32, avuga ati: “Umugabo wanje yama ashira imbere ivyo abandi bakeneye. Yaripfuza cane gufasha abamamaji bitereye mu myaka be n’abafise ubumuga. Ariko kugira ingendo aja i Kramatorsk vyarushiriza kubamwo akaga. Urwo rwari kuba ari urugendo rwa nyuma agize.”

Uko ari babiri babatirijwe rimwe mu 1997. Mykola yari amaze imyaka myinshi ari umukurambere w’umwizigirwa. Abavukanyi na bashiki bacu baragaragariza urukundo Nina kandi bakamufasha. Nina avuga ati: “Amajambo yabo aremesha aramfasha muri ibi bihe bigoye.”

Avuga kandi ko Ivyanditswe bimuremesha, na canecane Yesaya 40:28-31. Avuga ati: “Yehova ariko aramfasha kugarukana utuguvu. Ndibonera urukundo rwa Yehova mu buryo budasanzwe. Nahora nsoma ivyerekeye urwo rukundo mu bitabu vyacu, ariko ubu ndavyibonera.”

Tuguma dushira mu masengesho Nina n’abo bose babuze ababo bikundira muri iyo ntambara. Turazi ko Yehova azobandanya kubashigikira.​—Zaburi 20:2.