Ja ku birimwo

Uva i bubamfu uja i buryo: Mushiki wacu Mary Larimer ari kumwe n’abo biganye mu mugwi wa mbere w’Ishure rya Gileyadi; urupapuro rw’umutsindo rwa Gileyadi Mary yaronse ku wa 23 Ruheshi 1943; Mary mu 2017

KU WA 23 NZERO 2024
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Uwari asigaye mu banyeshure basohotse umugwi wa mbere w’Ishure rya Gileyadi yapfuye afise imyaka 103

Uwari asigaye mu banyeshure basohotse umugwi wa mbere w’Ishure rya Gileyadi yapfuye afise imyaka 103

Ku wa 23 Munyonyo 2023, Mary M. Larimer uwasohotse umugwi wa mbere wa Kaminuza y’ivya Bibiliya ya Gileyadi yarapfuye. a Mary yavukiye I Scenery Hill muri Pensilivaniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa 4 Ruheshi 1920. Mu 1935, yarabatijwe afise imyaka 15 kw’ihwaniro ryabereye i Washington D.C muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Haheze imyaka ine, mushiki wacu Larimer yaciye atangura ubutsimvyi busanzwe kandi yari azwi ko ari umwamamaji w’umwete.

Muri Kigarama 1942, umuvukanyi Nathan Knorr akaba ari we yari ahagarikiye ishirahamwe ico gihe yararungikiye Mary ubutumire bwo gusaba kuja muri Kaminuza y’ivya Bibiliya ya Gileyadi yari iherutse gushingwa. Agace k’ubwo butumire kavuga ko «intumbero y’iryo shure yari ugufasha abavukanyi na bashiki bacu kwitegurira kuzokora ubumisiyonari hirya no hino kw’isi.» Vyongeye, ubwo butumire bwavuga buti: «Ivyo vyigwa bizomara ikiringo c’amezi atanu . . . Bizosaba umwete no kwiga cane kugira ivyigwa birangire muri uwo mwanya muto cane.» Mary yaciye yuzuza ifomu ningoga aca arayimusubiza.

Ku wa 1 Ruhuhuma 1943, Mary hamwe n’abandi 99 baratanguye ivyigwa vy’iryo shure rishasha i South Lansing i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu mezi hafi atanu ivyo vyigwa vyamaze, Mary yariganye umwete kugira amenye vyinshi ku bijanye n’Ivyanditswe. Yari umunyeshure aciye ubwenge kandi yaronse urupapuro rw’umutsindo ku wa 23 Ruheshi 1943.

Mary ari kumwe n’abandi banyeshure bari hejuru kw’ibaraza y’inyubakwa yaberamwo Ishure rya Gileyadi i South Lansing i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Amaze kuronka urupapuro rw’umutsindo, Mary yarungitswe kuba umumisiyonari muri Kiba. Ku bijanye n’ingorane zamushikiye muri Kiba, yavuze ati: «Abantu bari bakenye. Tugiye kwamamaza twagenda n’amaguru . . . Nta muduga twari dufise.» Mary yagumye akorera muri Kiba gushika mu 1948 igihe yasubira i Pensilivaniya kwitwararika nyina, ico gihe akaba yari yakomeretse cane. Mu myaka myinshi yakurikiye, Mary ntiyigeze yubaka urwiwe kandi yamye akorera Yehova n’umwete. Imbere y’uko apfa, yari amaze igihe ari mw’ishengero ry’i Glendale, i Kaliforniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mary ari muri Kiba mu gikorwa co kwamamaza

Mary (i bubamfu) ari kumwe na mwenewabo Helen n’umugabo wiwe Salvino Ferrari. Helen n’umugabo wiwe bitavye umugwi ugira kabiri w’Ishure rya Gileyadi kandi na bo nyene barakoreye muri Kiba

Muri iki gihe, Ishure rya Gileyadi ribera i Patterson muri New York. Ubu, umugwi ugira 155 ni wo uriko urakurikirana ivyo vyigwa. Igihe umuvukanyi Mark Noumair, akaba ari umwigisha w’iryo Shure rya Gileyadi yumva ko Mary yapfuye, yavuze ati: «Mary Larimer yari umwigeme yakuriye mu gasagara gato mugabo akaba yari yiteguriye kuja aho ari ho hose kugira abwire abantu ivyerekeye Yehova. Ntiyari azi aho yorungitswe be n’uko azokwigera asubira muhira. Cokimwe na Mary, abamisiyonari basohotse ishure rya Gileyadi baratuma abantu bo kw’isi yose bamenya ukuri biciye ku gikorwa co kwamamaza.»​—Yesaya 6:8.

a Mu 1946, izina Kaminuza y’ivya Bibiliya ya Gileyadi ryarahindutse rica riba Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi.